Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isabukuru ya mbere ya Théâtre i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Isabukuru ya mbere ya Théâtre i Bujumbura

Isabukuru ya mbere ya Théâtre i Bujumbura

lundi 27 Nzero 2014

Umurwi ukina Théâtre,« La Troupe Lampyre» waratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu kumenyesha isabukuru ya «Théâtre» igiye kuzomara iminsi ine ibera i Bujumbura.

Mu kigo c’Abafaransa « Institut Français du Burundi», umurwi Lampyre ukina Théâtre warateguye ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira bamenyeshe ku mugaragaro isaburu ya mbere ya «Théâtre» mu Burundi no mu karere. Iyo sabukuru yataziriwe Buja sans-Tabou izomara iminsi 4, izotangura kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma gushika kurya 9 ukwo kwezi nyene, kandi izobera mu bibanza 4 bitandukanye, ivyo navyo ni : ikigo c’Abafaransa IFB, ikigo c’urwaruka co mu Kamenge (Centre Jeunes Kamenge, Buj’Art hamwe no kuri Sabemeli.

Freddy Nsabimbona arongoye umurwi «Lampyre» yamenyesheje ko iryo sabukuru Buja sans Tabou rifise intumbero yo kwereka Abarundi, ibihugu bigize akarere Uburundi burimwo, ndetse n’amakungu ko Uburundi buzi «Théâtre». Yabandanije amenyesha ko izoba ari intango, kuko iyo sabukuru izokwama iba ku mwaka ku mwaka i Bujumbura no hagati mu gihugu ikazoshikayo.

Ku kibazo c’uko bahisemwo iryo zina Buja sans tabou,, Freddy Nsabimbona amenyesha ko bashatse gushiraho urwego abantu bavugiramwo ataco banyegeza. Kuri we, abona ko hari ibintu Abarundi badashaka kuvuganako. Freddy yagiriyeko atanga akarorero ku bijanye n’ubwicanyi bwo mu mwaka w’1972. Ku bwiwe, ako ni kamwe mu burorero bwinshi.

Isabukuru Buja sans tabou izoremeshwa n’imirwi myinshi ivuye mu makungu, nko mu gihugu ca Belgique, no mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Uganda, na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Iruhande y’iyo mirwi mvamakungu, imirwi ya Troupe Pili-pili wama utwenza «Comédien» Kigingi, hamwe n’abaririmvyi bo mu murwi wa Lion Story n’iyindi mirwi itari mike izoba yahishikiye.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.