Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isanamu ya mbere nziza umwaka w’I 2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Isanamu ya mbere nziza umwaka w’I 2013

Isanamu ya mbere nziza umwaka w’I 2013

vendredi 29 Munyonyo 2013

Radio na Television Salama iriko irahayanisha amasanamu”Clip” y’indirimbo z’Abarundi zagiye zikundwa gusumba izindi muri uno mwaka wa 2013, iruhande y’ivyo n’amasanamu y’izindi ndirimbo zo muri Afrika zakunzwe gusumba izindi mu kiganiro “ikore mugahogo”kiremeshwa na Elvis Iradukunda, akorera iyo mboneshakure.

Iryo higanwa ririko rihuza amasanamu y’indirimbo zishika 13 z’Abarundi zakunzwe gusumba izindi, mu kiganiro “ikore mugahogo”kiremeshwa na Elvis kuri Television Salama. Ayo masanamu na y’indirimbo zikurikira:”Enjoy” y’umuririmvyi kidum, “korason” ya Jay-fire, “Baby girl” ya Happy Famba na Jay Fire, “Akabizu” ya Yvan, “Wabaye iki”y’umurwi indimu, “free style” ya Sat-B, “Ntuze umpemukire”ya Aimable Tayaya na Sal-G, “Disque dur” yaririmbwe na Lolilo, “Bajou” ya Big Fizzo, “ni wewe”ya Terry West, “Uri he” Black-G, “Dunkelele” ya Kebby Boy.

Nk’uko tubibwirwa na Elvis ashikiriza ico kiganiro, ayo masanamu nayasohotse muri uno mwaka w’I 2013, amahiganwa yatanguye kw’igenekerezo rya 24 Munyonyo 2013. Kw’igenekerezo rya 8 Kigarama hazoba hamaze kumenyekana amasanamu atandatu amaze kuronka amanota menshi gusumba ayandi. Inyuma y’iminsi cumi n’itatu n’ukuvuga igenekerezo rya 29 Kigarama 2013 hazoca hamenyekana isanamu yatowe muguhabwa amajwi menshi gusumba izindi.

Elvis abandanya amenyeshako hari n’irindi higanwa ry’amasamu y’indirimbo yagiye avuza mu kiganiro ciwe zo muri Afrika zakunzwe kuruta izindi. Hariko hahiganwa amasanamu y’indirimbo 5, “Number one” yaririmbwe na Diamond avuka mu gihugu ca Tanzania, “Personali” y’umurwi P-Square bo muri Nigeriya, “Nd’uwi I Kigali”ya Medi na The Ben bo mu Rwanda, na “kipepeo” ya Jaguar avuka muri Kenya.

Intumbero y’iryo higanwa hanini ni ukumenyakanisha abaririmvyi cane cane Abarundi, kandi n’ukurya akara abaririmvyi babone ingene amasanamu meza akorwa, kumenya ivyo abakunzi b’abaririmvyi bakunda. Kandi n’uguhamagarira abo baririmvyi kumenya gukora isanamu kuko isanamu iri mu bituma ururirimbo rukundwa na benshi. Ururirimbo rukunzwe haba hakunzwe uwikoze mu gahogo.

Arangiza amenyeshako uwushatse gutora yocisha inota rwiwe k’umuhora wa Internet ukurikira: e-mail, ikoremugahogo@yahoo.fr. Tanga ijwi ryawe umuririmvyi ukunda utemuteze imbere


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.