Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Iyo mama aba ari imaraya papa nawe atagira indero, jewe mba ndi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > ’’Iyo mama aba ari imaraya papa nawe atagira indero, jewe mba ndi (...)

’’Iyo mama aba ari imaraya papa nawe atagira indero, jewe mba ndi umushoferi’’

dimanche 20 Nzero 2013

Abantu benshi barakengera umwuga wo gutwara umuduga uca amafaranga. Gushika no kubana bato bazi ko umuntu akora uwo mwuga aba ari uwananiwe n’ubundi buzima ariko si vyo na gato.

Akana k’agahungu kariko kagendera muri Bus kicaye inyuma y’abandi. Bose batekereje, baja bumva kavuze ngo” Iyo nk’ubu papa aba ari isaki, mama nawe akaba ari inkokokazi jewe mba ndi agaswi”. Abantu bahindukira kuraba kakana baratwenga.

Umushoferi nawe aca abwira ako kana ati” None ushatse kuvuga iki?” kakana karinumira. Haheze akanya bumva gasubiye kuvuga ngo “ Iyo papa yari kuba ari impfizi mama nawe akaba inka jewe mba ndi agashuri”. Abantu basubira gutwenga.

Wa mushoferi aca ahindukira n’ishavu ryinshi abaza kakana ati” Mbega iyo papa wawe aba atagira indero, mama wawe nawe akaba adandaza umubiri uba uriki?” kakana gaca karahaguruka nako kamwishura kati” Eeee, iyo mama yaba ari imaraya papa nawe atagira indero, mba ndumushoferi wa bus”.


Reverien Bazikamwe

Messages

  • C’est une bonne leçon morale, avant de lire l’article je pensais que igihe dénigre le métier de chauffeur jusqu’àce point. Mais par après j’ai compris que les Burundais sont des spécialistes dans l’éducation par des contours. Il est évident qu’un petit enfant ne pouvait pas avoir une telle réflexion, c’est juste une façon de montrer àtoute personne qui rate des occasions de se taire qu’àchaque fois qu’on attaque une personne avec des propos déplacés, tu n’es pas sûr de sa réponse. Ce chauffeur a reçu une bonne correction et merci pour la publication de cet article très éducatif

  • Niyumvi Ko Uwomwana Yiyumviriyenabi Kuko Yipfurijenabinyina

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.