Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kamenge: Centre Jeune kamenge yakoze ibikomeye mu muziki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Kamenge: Centre Jeune kamenge yakoze ibikomeye mu muziki

Kamenge: Centre Jeune kamenge yakoze ibikomeye mu muziki

lundi 7 Nzero 2013

Abatari bake mu baririmvyi b’abarundi bazwi cane mu Burundi no mu makungu batanguriye uwo mwuga mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge Centre de Jeune Kamenge, bikaba vyatumye ico kigo kiba nk’ituta ry’umuziki w’u Burundi.

Ku ndwi ku ndwi ikigo c’urwaruka co mu Kamenge Centre Jeune Kamenge kiratunganya ibikorwa bijanye n’umuziki harimwo ivyigwa bijanye n’ibikoresho bikoreshwa mu muziki nko kuvuza Piano,igitari,ingoma n’ibindi.

Kubwa Claude Nkurunziza arongoye umugambi wo kurwanya SIDA muri ico kigo,ngo iyo umuririmvyi amenye gukoresha ivyo bikoresho aca yigisha abandi baba batarabimenya gushika babimenye.

Gushika ubu ico kigo kiramaze gusohora abaririmvyi batari bake,twovuga nka Kidumu, Kaka Boney, Rally Joe, Steven Sogo,Francis Muhire hamwe na Maisha.Igihe rero umwe muri abo aronse agashimwe aca akazana akakereka ikigo cose mu ntumbero yo gushima inyigisho aba yarahakuye.Ivyo vyarabaye k’umuririmvyi Rally Joe aheruka gutsindira igikombe mw’ihiganwa rya Primusic hamwe na Steven inyuma y’agashimwe yaronkeye muri Benin.

JPEG - 30.9 ko

Rally Joe akaba avuga ko yatanguye kuvuza igitari mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge yigishijwe n’uwihebeye Imana wo mu gihugu c’u Butariyano,amaze kubimenya cane akaba yaciye aca mu murwi w’ico kigo witwa Happy World waciyemwo mbere abaririmvyi benshi ubu bazwi mu makungu.

JPEG - 17.7 ko

Rally Joe akaba aboneraho akaryo ko gusaba urundi rwaruka rurimba ko rwokwitaho kumenya kuvuza ibicurarangisho kuko arivyo basigaye bakoresha mu mahiganwa.

JPEG - 70.3 ko

Twobamenyeshako ikigo c’urwaruka co mu Kamenge gifise ibitari 30, Piano 3, ingoma za battery 2,ico kigo kikaba carateye imbere kuko ubu gifise imirwi 3 iririmba mu gihe mu ntango cari gifise umurwi umwe.


Mugisha Van Naris

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.