Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo: Indwara ya WAYIRINDA irabarembeje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Kirundo: Indwara ya WAYIRINDA irabarembeje

Kirundo: Indwara ya WAYIRINDA irabarembeje

lundi 12 Myandagaro 2013

Indwara abanyagihugu bo muri komine ya Busoni bita WAYIRINDA irabangamiye amagara y’abanyagihugu nk’uko babibariye ikinyamakuru IGIHE. Haba abana, abagore n’abagabo, abo bose baremeza ko wayirinda ibageze habi, ubu bamwe bakaba batigishobora n’ukwicara.

Nk’uko twavyiboneye, iyo ndwara iza nk’uduhere, tugaheza tukajamwo amashira, haheze iminsi nk’ibiri utwo duhere tugaca tumeneka. Abanyagihugu bavuga ko ari ikiza kuko baja no kwamuganga ariko ntibihere. Abanyagihugu basaba ko hoboneka urucanco mu ntumbero yo kubakingira, kuko barara bariyagaza bukabakerako, ubu imbiri yabo ikaba yarafutanijwe n’iyo ndwara. Abana bakiri bato, bakaba iyo ndwara yaratevye irashika ku bitsina vyabo, hakaba habonekako amahere, ahandi naho abavyeyi bakamenerako umuti w’ifu mu ntumbero yo kwumisha utwo duhere.
Ahandi iyo ndwara ibangamiro ni ku biganza, ku matwi, ku maboko, kunnda ndetse n’aho abantu bicarira.

Ubu bamwe bavuga ko aho bicarira ari ibikomere gusa kuko umwanya wose baba bariko bariyagaza. Nyabenda Liberata, umukenyezi wo mu Rusarasi twahuye ariko aravoma, avuga ko we, umugabo wiwe hamwe n’abana biwe babiri, bose bamara umwanya munini bariko bariyagaza kuko iyo ndwara ibabangamiye. Avuga ko baroye kwa muganga ariko nubu atamitende bararonka.

Musitanteri wa Komine ya Busoni umupfasoni Kabihogo Lewokadiya, avuga ko yagirishije inama abanyagihugu bo muri komine arongoye kuva mu kwezi kwa Ntwarante uyu mwaka turimwo, mu ntumbero yo kubakangurira kugirira isuku imibiri yabo, no guteka amazi baba bagira banywe, kuko mu ntango musitanteri yibazako iyo ndwara yoba iva ku mazi y’inzuzi abo banyagihugu boba banywa abandi nabo bakayakaraba, canke kw’isuku rike.

Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Busoni bakaba basaba abagiraneza ndetse na Leta y’Uburundi kubagarukirako mu gihe iyo wayirinda bavuga ko iri mu kubica. Ndetse iyo ndwara ikaba iri mu makomine atari make agize intara ya Kirundo, na zimwe mu zihana urubibe n’iyo ntara nka Giteranyi yo mu ntara ya Muyinga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.