Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kumenya gukoresha umwanya ni kimwe mu nkingi z’iterambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Kumenya gukoresha umwanya ni kimwe mu nkingi z’iterambere

Kumenya gukoresha umwanya ni kimwe mu nkingi z’iterambere

dimanche 16 Kigarama 2012

Iyo uravye neza usanga hari abantu bataramenya gukoresha neza umwanya bafise cane cane mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere .Ariko burya nimba hariho ikintu co kwitwararika ni igihe kuko kirazimvye,bamwe bakigereranya n’amahera abandi bati n’ubuzima.

Ico nabonye n’uko igihe gisumba amahera kuko yoyo arahera ukarondera ayandi kandi ukazoyaronka ,ariko igihe kigiye ntusubira kukironka ndetse ntanubwo kizokwigera kigaruka. Umuntu umwe yahanye n’uwundi isango ryo guhurira ahantu bakaganira, bumvikana ko bahura isaha zitandatu zo ku murango. N’uko isango igeze uwitwararika igihe aba arahageze, uwundi ashika igihe c’isaha indwi asanga wawundi agira atahe. Uwatanguye kuza abaza uwundi ati kuki wampemukiye ugaceregwa gutyo? Uwundi ati umeze ute wewe, ubona nacererewe? Ntuzi ko ino iwacu iyo uhanye n’umuntu isango ukarenza ko isaha imwe uba utakererewe? Jewe nagendeye ku masaha y’ abarundi sinagendeye kuyo abazungu . Uwundi nawe ati urabesha sana, si bose bafise ivyiyumviro nk’ivyo kuko ivy’abarundi twarabirenganye.

None nk’ubu uronse akazi mu biro ukajana ivyiyumviro nk’ivyo ubona boteba kukwirukana? Uri nk’umudandaji ukaja uhora uceregwa wotera imbere gute kandi uzoja urasanga abazindutse badandaje vyinshi bakaronka.

Abandi uca usanga igihe cabo bagihereza mubidafise akamaro ,nka bamwe mu rwaruka cane cane abahungu n’abakobwa harabo usanga birirwa bakanarara kuma telefone bahamagarana kandi nta kintu c’akamaro bariko baravuga , abandi bakirirwa kuri internet no kuri face book , abandi ugasanga aho kwifatanya n’abandi kwiteza imbere n’ababo n’igihugu c’abo ugasanga ahubwo birirwa barodera gusambura n’ivyakozwe n’abandi. Wumva nawe twotera imbere gute?

Bantu mwese mushaka kwiteza imbere n’abanyu ndetse n’igihugu canyu muri rusangi muraja mwitwararika ingene mukoresha igihe, canyu igihe cawe wame ukimara urodera icoguteza imbere kandi ahari ugushaka vyose birashoboka kandi tumenye ko umwanya arumwe hose kuri bose uw’abarundi niwo w’abazungu.


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.