Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Indwara y’imibembe iribonekeza muri bamwe mu banyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Makamba : Indwara y’imibembe iribonekeza muri bamwe mu banyagihugu

Makamba : Indwara y’imibembe iribonekeza muri bamwe mu banyagihugu

mardi 13 Rusama 2014

Indwara y’imibembe iriko iribonekeza mu ntara ya Makamba, aho abayirwaye bacika bimwe mu bihimba vy’umubiri.

Kuva iyo ndwara itanguye kwibonekeza muri iyo ntara ya Makamba, abayirwaye bariko barahabwa udukarata twokwivurizako n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, mu ntumbero yo kworohereza abarwayi gushobora kuvurwa. Indwara y’imibembe rero ikaba isinzikaza cane mu gihe itavuwe kare, na cane cane ko ari indwara ibangamiye ibihugu bikenye. Imibembe ni indwara y’urukoba yandukira biciye mu guhema, igaterwa n’umugera bise “Mycobacterium leprae”. Ni ukuvuga ko umuntu ayandura mu gihe amarana umwanya muremure ari kumwe n’uwuyirwaye. Mu mwaka w’1941, akaba ariho yatorwa nk’indwara iterwa n’umugera, ica iratorerwa umuti biciye mu bushakashatsi bwakozwe.

Mwomenya ko, imibembe ari indwara ifatira ku rukoba, akenshi ikunze kwibonekeza ku maguru, ku maboko no mu maso. Kugira umuntu amenye ibimenyetso vy’imibembe, n’ibara abona ku rukoba atahora abona, rimeze nk’urubandu canke nk’igisekera. Uwufise iryo bara ridasa na handi, ntirimubabaza canke ngo yiyagaze kuko aho haba hari iryo bara ata bushobozi bwo kwumva ikintu buba bugihari (insansibilite). Ibindi bimenyetso vy’imibembe, n’igihe umubiri umera nk’uwukongataye, intoke zikadagarara ntizibe zigishobora kwihindukiza, hakajamwo n’ibinyanya kubera imitsi ituma umubiri ukora iba yahagaze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.