Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mandela :ireresi ijanye n ’ubuzima bwiwe igiye kuja ahabona mu mpera z (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Mandela :ireresi ijanye n ’ubuzima bwiwe igiye kuja ahabona mu mpera z (...)

Mandela :ireresi ijanye n ’ubuzima bwiwe igiye kuja ahabona mu mpera z ’umwaka

mercredi 11 Nyakanga 2013

’ Long walk to freedom ‘’ bisigura urugendo rurerure, urondera kubohoka. Ni ireresi ivuga ubuzima buzotangura kwerekana mu kwezi kwa Kigarama,aho muri iyo reresi umuntu asanzwe akina ibintu bitwenza bita Idris Elba akaba ariwe akina ari Mandela.

Inyuma y‘igitabo kivuga ubuzima casohotse mu kwezi kwa Mukakaro, ubu agace k ‘ireresi yerekeranye n ’ubuzima bwa Nelson Mandela Long Walk to Freedom karagiye ahabona ku genekerezo rya 9 Nyakanga , Idris Elba akaba ariwe yakinye yitwa mandela muri iyo reresi ,akaba amaze no gukina mu gakino The wire .

Naho bataratara yisigura bimwe bandika hasi mu zindi ndimi kugira abadatahura ururimi rw’icongereza bavyumve , iyo video itangurirwa n’ijambo uwo yahoze ari umukuru w ‘igihugu ca Afrika y ‘Epfo yavuze adugije ibipfunsi imbere y ‘isinzi y ‘abantu. Iyo sanamu ikaba ikomeye cane ituma ndetse uwuriko araraba aca yinjira muri kahise ubwo nyene ukamenga niho yari ari nawe.

Amasanamu akurikira nayo yerekana ubuzima bwiwe n’umuryango wiwe, ubugeni bwiwe, abana biwe hamwe n’ukuntu yagiye aratera imbere mu vya politike bikurikirwa n’urubanza yaciriwe rwo gufungwa umunyororo wo guherayo. Iyo reresi ikaba irindiriwe cane mu mahanga. Mwomenya ko atariyo reresi ya mbere ivuga ubuzima bwa Nelson Mandela ahubwo hariho n’iyindi yaheruka gukorwa haraheze imyaka itanu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.