Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Menya vyinshi k’umuhinyanyuzi w’indirimbo Amirpro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Menya vyinshi k’umuhinyanyuzi w’indirimbo Amirpro

Menya vyinshi k’umuhinyanyuzi w’indirimbo Amirpro

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Mugisha amir benshi bazi kw’izina rya Amirpro, itazirano yakuye k’umwuga asanzwe akora wo gukora indirimbo (production), uyo akaba ari umusore w’imyaka mirongo ibiri n’itandatu akaba kandi ari umurundi.

Ngo yatanguye ibijanye n’umuziki ari umu DJ mubunywero n’ubutambiro,binamutuma akunda ibijanye n’umuziki maze atangura gushaka kuba umuhinyanyuzi w’indirimbo akomeye.

Ngo vyaje kugenda neza kuva aho mu 2006 hasohotse indirimbo y’umuririmvyi bazi kw’izina rya Yoya yitwa « Muramumbwirira », iyo ikaba yakozwe nuwo Amirpro bituma anamenyekana cane.Abandi bacuraranzi bakomakomeye batangura kumugana ngo abakorere indirimbo zabo.

JPEG - 7.8 ko

Kugeza ubu iyo ubajije abacuraranzi b’i Burundi bakubwira ko amirpro ariwe wambere muri iyi minsi akora indirimbo n’ubuhinga.Ngo kandi indirimbo n’ama album yakunzwe vyakozwe nawe.Aho twovuga nka album nshasha ya Lolilo,Sat-b, Indimu group, Emery sun,ya Rally-joe,Frank Generation 80 na zimwe mu ndirimbo za Mkombozi n’abandi batandukanye.

Ngo si i Burundi gusa,hari n’abandi benshi bo muri afrika yo mu buseruko bamugana nka Dayamond wo muri Tanzaniya ku ndirimbo « Najuwa »baririmbanye na Lolilo,nka Passy wo mu Rwanda kundirimbo « Mbese nzapfa »,nka Michael Ross wo mu buganda ndetse batandukanye.

Yatubwiye kandi ko afise intumbero yo kubandanya umuziki kandi kurugero rwo hejuru akubaka izina muri afrika y’ubuseruko ndetse no mu mahanga kure ya Afrika.
Ubu ngo akaba afise studio yiwe yitwa MA Production iri mu Ngagara quaritiye ya 6 akanakora muri studio yitwa next livel iri mu gisagara ca Bujumbura.

Yabandanije atubwira ko indirimbo ariko arakora muri ino minsi inyinshi zijanye no guhumuriza ababuze ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura iheruka gusha igatokombera nivyarimwo vyose.Aho twovuga nka « Humura » ya Emélance na
« Humura » ya Big Zoé ndetse na « Humura Burundi » ya Joël afatikanije na Mkombozi.Izo zose zigiye gusohoka kuri uyu wa gatandatu.


Joel Sengurebe

Messages

  • amirpro ni umugabo pee wagirango ni luck luck iwacu i rwanda ok courage mani natwe tuzaza utuvugirize

  • amirpro numugabo cane nabavuga ko bamukosoye mubuhinga baribesha kuko uwagutanze kubaka izina aba yagutanze mani, igihe namwe mutuzaniye udusha kabisa. joel courage mani juzamuka nabaririmvyi ba ruguru utujereho natwebwe turafise udushasha so turakwemera pee udukuru twawe turadutwenza na cane gose poa mani. igihe.bi mukomere kandi courage

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.