Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss Fashion: Ihiganwa ry’umwigeme yambara neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Miss Fashion: Ihiganwa ry’umwigeme yambara neza

Miss Fashion: Ihiganwa ry’umwigeme yambara neza

jeudi 28 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ryishinze guteza imbere abanyamwuga, “Association pour la Promotion des Artistes(APA)mu rurimi rw’igifaransa, ririko rirategura ihiganwa ry’umukobwa w’umurindi yambara neza. Uwo azotorwa akazoca bazoha izina rya “Miss Fashion”.

Iryo higanwa "Miss Fashion" ririko rirategurwa bitegekanijwe ko rizoba kw’igenekerezo rya 15 Kigarama 2013. Mu gihe mu nzu y’ibiteramo y’ikigo "Save Our Souls" (SOS) iri muri Komine Gihosha, hazobera igiteramo gica ibibatsi co kurwanya ikiza Sida n’ibiyayura mutwe ku rwaruka ryo mu Burundi, n’ihiganwa ry’umukobwa yambara neza rizoca ribera ahonyene.

Nk’uko icegera c’uwurongoye ishirahamwe APA akongera akaba n’umuvugizi waryo, Patrick 2 Ten, amanyeshako iryo higanwa rizohuza abigeme bose b’Abarundi bavyipfuza. Ihiganwa nk’iryo rifise intumbero zibiri. Ubwa mbere ni ukuraba aho umurundikazi ageze mu vy’inyambaro, agaciro baha kwambara neza. Ubwa kabiri, n’uguha amahirwe yo kuronka ubushimwe butandukanye abigeme batatu bazoba bashoboye gutorwa mu bandi.

Patrick 2 Ten amenyeshako kandi ko abigeme bakeneye kwiyandikisha mw’iryo higanwa basabwa gutanga amahera y’amarundi 10.000. Uwuzoba uwa mbere azoronka agashimwe kitirirwa Miss Fashion w’uno mwaka. Abandi babiri bazoronka amabahasha. Kandi uburusho ni mbwinshi cane kubazogirirwa ibakwe bagatorwa. Miss Fashion azoba afise amabanga adasanzwe, kuko niwe azoca akorana n’ayandi mashirahamwe asanzwe akora ivyo kurwanya Sida n’ibiyayura mutwe yo mu Burundi no mu makungu.

Iyandikwa ririko ribera mw’i Jabe aho ishirahamwe ry’abanyamwuga “APA” risanzwe rikorera. Abarenga mirongo itatu baramaze kwiyandikisha. Mukurangiza 2 Ten asaba abigeme kuza kwiyandikisha ari benshi bahiganishe kwambara neza wabo.


NKESHIMANA Chérif

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.