Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mutumba : Abakenyezi bagendana umugera wa SIDA barashima umugambi wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Mutumba : Abakenyezi bagendana umugera wa SIDA barashima umugambi wa (...)

Mutumba : Abakenyezi bagendana umugera wa SIDA barashima umugambi wa PTME

lundi 20 Nzero 2014

Umugambi wa PTME wo gukurikirana abapfasoni bagendana umugera wa SIDA kugira bibaruke abana bakomeye kw’ivuriro ry’i Mutumba mu ntara ya Bujumbura wifashe neza, ku buryo ku bapfasoni 17 bakurikiranywe ku va mu mwaka w’2010, umukenyezi umwe gusa ariwe yavyaye umwana afise umugera wa SIDA, naho nyene bivuye kuri uyo mupfasoni kuko atashoboye gukurikiza amabwirizwa y’abaganga.

Umuganga akurikirana abo bapfasoni bagendana umugera wa SIDA bibungenze kuri iryo vuriro ry’i Mutumba mu ntara ya Bujumbura, umubikira Filote Nduwamungu yatumenyesheje ko muri ityo ntara ya Bujumbura, abapfasoni bagendana umugera wa SIDA bagomba kwibaruka, basigaye bitura abaganga, kandi nabo bakabafasha. Mu kiganiro gito yahaye ikinyamakuru IGIHE, yavuze ko utugorane dusigaye ku bantu bacinyegeza, bagatinya kuja ahabona kugira bashobore gukurikiranwa mu gihe bibungenze, ugasanga bipfuje gusama imbanyi kandi bagendana umugera wa SIDA, bagaheza, bakavyara umwana arwaye, bituma uyo mwana adaheza ngo akurane amagara meza, canke agaca yitaba Imana eka n’umuvyeyi yamwibarutse bikamutuma agira amagara mabi kuruta.

Muganga Filote Nduwamungu akora mu mugambi PTME i Mutumba

Yozefa Habonimana n’umwe mu bakenyezi bakurikiranywe n’umubikira Filote Nduwarugira. Uwo mukenyezi avuga ko yari amaze kwibaruka kabiri kose, abana avyaye baca bitaba Imana. Munyuma aje kwipimisha, yasanze agendana umugera wa SIDA, ariko guca ahabwa impanuro n’uwo muganga w’umubikira. Umupfasoni Habonimana akaba yaciye asama imbanyi, yibaruka umwana w’umuhungu ubu afise imyaka ine. Haheze igihe, yarashatse kwibaruka akana k’akigeme, aje guhanuza umuganga wiwe ariwe Mama Filote Nduwarugira, akaba yamusavye kuzokurikiza impanuro z’umuganga, inyuma y’amazi icenda, uyo mupfasoni akaba yaciye yibaruka amahasa y’abigeme.

Yozefa Habonimana co kimwe n’abandi bapfasoni twasanze kuri iryo vuriro, bakaba bashimishwa n’uburyo abaganga babitaho harimwo n’umubikira Filote Nduwarugira ku bijanye n’umugambi PTME. Bakavuga ko ubu nabo nyene, bibaruka abana bakomeye naho bagendana umugera wa SIDA. Bakaba bahanura abapfasoni bagenzi babo basama imbanyi bagendana umugera wa SIDA badaciye kwa muganga ngo baronswe impanuro ku biheba, ku neza y’abana babo, iy’abo n’iy’imiryango yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.