Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngo ibara ritukura rirongereza igikundiro ku bigeme - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Ngo ibara ritukura rirongereza igikundiro ku bigeme

Ngo ibara ritukura rirongereza igikundiro ku bigeme

lundi 3 Kigarama 2012

Amakuru ava irya n’ino avuga ko abigeme bakunda kwambara impuzu zitukura bakora mu bibanza vyo kwivuniramwo inzara n’inyota bakunda gusigirwa akanoti n’abakiriya b’abagabo nk’ikimenyetso c’uko babakunze. Bigeme namwe bakenyezi mwoba mwarasezeranye n’abagabo aho muzohurira?

Muragerageza rero mwambare impuzu zifise ibara ritukura, muzoheza mwibonere ko ico gihe hari iciyongereye ku gikundiro canyu! Abashakashatsi bo muri kaminuza yo mu gisagara citwa Bretagne yo mu bumanuko mu gihugu c’Ubufaransa baremeza ko icigwa bagize muri iyo ntumbero basanze abagabo bashwarwa n’umuriro w’urukundo ku bigeme n’abakenyezi bambaye impuzu zifise ibara ritukura !

Abo bahinga rero ngo baragize ubushakashatsi butamenyerewe, aho basavye abigeme 11 ngo bambare udupira two mu bwoko bwa T-shirt tw’amabara atandukanye, agizwe n’iryirabura, iryera, iritukura, irisa n’ubururu, irisa n’urwatsi rutoto, n’irisa n’icatsi gihishiye maze bakazoza baradukabukanya ku misi bihitiyemwo, mu kiringo c’indwi 6. Abo bigeme bakaba rero bagiye barateranya umwe wese ukwiwe amahera bashoboye gusigirwa n’abakiriya igihe cose bambaye agapira k’ibara rimwe muri ayo twavuze.

Ngo muri ico kiringo c’indwi zitandatu abo bigeme barashoboye kwakira abakiriya 722 abagabo n’abakenyi.Ariko rero abashika 272 nibo bashoboye gusigira akanoti abo bakozi! Kandi ngo muri rusangi womengo ni ibisanzwe. Ariko abo bashakashatsi barashoboye kurabukwa ko muri abo bigeme abaramutse bambara agapira gatukura baca basigirwa akantu gusumba abandi. Bakamenyesha rero ko abakiriya b’abagabo bagiye barasigira akanoti abo bakozi, ariko ko abari bambaye agapira gatukura bakaba aribo baronse uturusho gusumba abandi ku buryo basanze abatwambaye bashoboye kuronka ibice biva kuri 15 kw’ijana (15%) gushika kuri 25% basumbije abandi! Ku bw’abo bashakashatsi ngo ikindi gitangaje ni uko abakiriya b’abigeme n’abakenyezi batigeze bashikirwa na gato n’ikigumbagumba cotuma bagira ico bikura ngo bagihe abo bigeme !

Ikinyamakuru “Journal of Hospitality and Tourism” kivuga ko ibara ritukura rikabura urukundo, rikaba rero rizana akarusho. Ariko rero ngo mu 2008 niho icigwa catunganijwe na kaminuza yitiriwe Rochester y’i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika cerekanye ubwa mbere ko ibara ritukura rituma abagabo bakunda abakenyezi gusumba.Ngo ubu naho icigwa catunganijwe n’abahinga b’abanyamerika bafatanije n’abanyaostrariya giherutse kugaragaza ko iyo abakenyezi bambaye impuzu z’ibara ritukura zibaha imforo y’abarondera kwifuzwa n’abagabo.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.