Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni gute nomenya ko ankunda vy’ukuri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Ni gute nomenya ko ankunda vy’ukuri

Ni gute nomenya ko ankunda vy’ukuri

vendredi 7 Kigarama 2012

Umwigeme yagize ati’’Nagiye mu kirori mpura n’umusore nawe wakijemwo hanyuma turaganira tugera ku vy’urukundo turabivugana, ndamubwira ukuntu natandukanye n’umugenzi wanje nahora nkunda. Ndamumwereka Kw’ifoto muri telephone yanje. Nawe ambwira ukuntu yakundanye n’umukobwa kera ariko akaba atakimwiyumvamo, ngo yifunga igitambara mu mutwe cane.

Hanyuma atashe ndamuherekeza duhana nimero za telefone;ndamusezeye ambwira ko yankunze,ambaza nimba namukunze nanje nti ‘ego’. Aho urukundo no gukumburana biba vyatanguye. Tugahura tukaryoherwa hamwe...,agakunda kumbwira ko anyiyumvamwo cane twanavugana kuri phone ngo bikamurengera akumva...,kandi nanje vyari uko mu mutima wanje.

Igihe kimwe arahura na wa mukobwa [bakundana kera] afashe telefone yiwe abona ubutumwa bwanje ngo arababara abonako ibintu bigeze kure,aca ashira nimero zanje kuri ‘black list’ ku buryo ntazosubira kumuhamagara; ariko abikora umuhungu atabizi.
Naramuhamagaye ndamubura nkoresheje iyindi telefone ndamutora numva ndababaye cane ndamubaza uko vyagenze ambwira ko atabizi nanje ndumirwa.

Mu nyuma arabazaa wa mukobwa nimba ari we wabigize aravyemera,umuhungu arambwira ati ‘ni wamukobwa nakubwiye twahora dukundana niwe yatoye telephone yanje hanyuma ashira nimero yawe muri liste noire. Naryohewe cane kuko yambwije ukuri, nanje ndamukunda sinacitse intege naguze iyindi carte sim na nimero nshasha tukama tuvugana,ndamubwira ko ivy’uwo mukobwa jewe ataco bimbwiye ivyo yokora vyose ko ico jewe mpa agaciro ari ikimurimwo [umuhungu]gusa.

Uumuhungu anyiyumvamwo cane nkabibona kandi nanje ni uko. Gusa sinkunda kumubaza ivy’uwo mukobwa

Ikibazo jewe mfise, ni gute nomenya ko ankunda ?


Alexo

Messages

  • Kugira Umenye Nez Kwagukunda,uzobwre Uwund Mukobwa Atazwi Nuwo Muhungu !Nyamukobw Amu Tléphne Akoreshe Inumero Uwomuhungu Atazi! Nyamukobwa Asabe Urukundo Uw Muhungu Amubwre Ati Nimba Muhungu Atamukobwa Woba Ufise Mukundanye Ndagusavy Umbere Umu Cheri Kuko Naragushimye! . Amwemerey Uwomukobwa Akubwre !Uzoca Umenya Ko Atarukundo Agufitiy. Amwankiy Amwishuy Ko Amufis Naw Amuryosharyoshe Amubaz Uwakunda Uwariw Avuze Kwar wew Uzocumenyako Agufis Kumutima! Ok

  • Ncut kubayaraguhishuts nikimenytsocuko agukunda ikindi naco uzoraba ukuntu akwemeza imbereyabandi cnk ukuntuyifatamurikumwe. umusabekoyokujana iwabo urabe imyifatoyiwe murikumwe hama agahura nuwomukobwa wubwamberevyaribikundanye

  • Kutangura Kusaba Urukundo Umukobwa Atanzi Nanje Ntamenya Tutamenyana Nomutangura Gute?

  • Umukobwa Nomusaba Urukundo Ntamumenya Nkoresheje Utujambo Utwuhe Twurukundo? Mbega Nomubaza Gute?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.