Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
‘’Nije namwanikiye kugirango yumuke’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > ‘’Nije namwanikiye kugirango yumuke’’

‘’Nije namwanikiye kugirango yumuke’’

jeudi 20 Kigarama 2012

abasazi babiri barakundana. Muganga yabajije ko umwe muribo yakize asanga ahubwo yarwaye kurusha uko yahora, yabibwiwe nuko yishura ibibazo.

Habaye abasazi babiri babana mu kigo kimwe c’abadakomeye mu mutwe bagakundana cane. Umusi uri izina umwe muribo aja kwoga mu kidengeri c’amazi c’ikizungu (piscine) cari muri ico kigo bavurirwamwo. Amaze akanya yoga aca aribira kuko atarazi kwoga neza. Mugenzi wiwe amubonye aca asimbira mu mazi aramuroba.

Abarongoye ico kigo babonye uwo musazi arovye mugenzi we bati" N’ukuri kwose wa mugwayi yakize!" Niko guca bamuhamagara bati: "Nuze hano tugufitiye inkuru zibiri ariko imwe ni nziza iyindi nayo ni incamugongo". Wa musazi nawe ati:" Ndazibwiwe".

Umukuru w’ico kigo civura abagendana ubumuga bwo mu mtwe ati:" Inkuru nziza n’uko twabonye ko wakize none tugire tukurekure utahe i wawe kuko ntiwari gukiza mugenzi wawe ngo umurobe iyaba ukigwaye", wa musazi nawe ati iya kabiri nayo ni iyihe ga da? Umukuru w’ibitaro ati:" Inkuru ya kabiri niyo rero nakubwira ko ibabaje kuko iya mbere yoyo wiyumviye nawe ko itari ibabaje, ati inkuru mbi n’uko wa mugenzi wawe uhejeje kuroba mu mwanya uheze tumusanze yimanitse ku mugozi yiyahuye".

Wa musazi aca araduka aratwenga ati" yoooh nagira n’ikindi mwambwira, erega ni jewe namwanikiye kugira yumuke kuko yaratose".

Namwe murumva ko ugukira kwiwe kwari kukiri kure nk’ukwezi.


Eric Arinabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.