Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OMS: Urushinge rushasha rukinga indwara y’agasama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > OMS: Urushinge rushasha rukinga indwara y’agasama

OMS: Urushinge rushasha rukinga indwara y’agasama

dimanche 20 Ndamukiza 2014

Hoba habonetse urushinge rushasha rukinga indwara isa n’iy’agasama ku bana bato rwapimiwe ku bikoko, nk’uko vyerekanwa mu bushakashatsi bwakozwe n’abanyamerika hamwe n’abadagi mu cigwa gisanzwe cerekanwa ivy’ubuvuzi “Science Translation Medecine”.

Muganga Richard Plenter akaba n’umwigisha kuri kaminuza ya Reta ya Georgia mu gisata c’ubuvuzi (Institut de sciences biomedicales) ari kumwe n’abandi bashakashatsi bo mu gihugu c’Ubudagi akaba aribo bashizeho urushinge rushasha bise ERDRP-0519 rwahagaritse umugera utera indwara isa n’iy’agasama ifata imbwa.

Inyuma yaho iyo ndwara isa n’agasama itorewe, abashakashatsi baciye biga uburyo boyikinga, baca batora urwo rushinge ERDRP-0519 rwagabanije iyo ndwara isa n’agasama ku rugezo rwo hejuru.

Nk’uko bisigurwa na muganga Plemper, urwo rushinge rushasha rwatowe, ntirukiza gusa ibikoko bifashwe, ariko kandi rurafasha mu kwuzuza abasoda bakenye mu mubiri, ku bantu. Umwe mubagize ubushakashatsi kuri urwo urushinge rushasha, avuga ko ari urushinge ruje gukorana n’urucanco rukinga indwara y’agasama, maze rukagira kandi n’ubushobozi bwogahagarika imigera itewe n’iyo ndwara.

Kugira indwara y’agasama irindwe, ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS rivuga ko hategerezwa kuba incanco zigera ku bice bigera 95 kw’ijana. Naho hamaze gukorwa ibitari bike kugira kw’isi yose indwara y’agasanga irwanywe, abagize icirwa bavuga ko iyo ndwara isanzwe yandukira cane, icica gushika ubu abantu begera ku 150 000 ku mwaka ku mwaka, kuva mu mwaka w’i 2007. Mwomenya ko mu bushakashatsi bugiye kuzokurikira, abagize icirwa ku rucanco rw’agasama, bazoca barupimira ku nkende imbere yo kurupimira ku bantu, mu myaka iri imbere.

Igisata cishinze gukingira amagara y’abantu kikibutsa ko abana bose bategerezwa kuterwa inshinge zibiri z’urucanco, urwa mbere ku mezi 12, urwa kabiri hagati y’amezi 16 na 18.

Kugira bahagarike ukubandanya kw’umugera mu mubiri utera indwara y’agasama, abantu bose bavutse guhera mu mwaka w’1980 gushika ubu, batagirishije urucanco canke bagirishije urucanco rumwe gusa, batigeze kandi bafatwa n’iyo ndwara, basabwe kuja kugirisha urucanco rwa kabiri kugira bayikingire naho boba bararengeranye mu myaka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.