Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONUSIDA : Abahitanwa n’ikiza SIDA bashobora kugabanuka imbere y’umwaka w’ (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > ONUSIDA : Abahitanwa n’ikiza SIDA bashobora kugabanuka imbere y’umwaka w’ (...)

ONUSIDA : Abahitanwa n’ikiza SIDA bashobora kugabanuka imbere y’umwaka w’ 2030

jeudi 17 Mukakaro 2014

Mu vyirwa vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivya SIDA (ONUSIDA), abahinga bavuga ko igitigiri c’abahitanwa n’ikiza ca SIDA kw’isi gishobora kuba cagabanuwe burundu imbere y’umwaka w’i 2030.

Nkuko vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONUSIDA, mu myaka cumi, abahitanwa n’ikiza ca SIDA kw’isi, bagabanutse ku bice 30 kw’ijana. Ivyo bigatuma babona ko mu mwaka w’i 2030 ibiharuro bizoba vyagabanuwe burundu. Michel Sibide, umuyobozi nshingwabikorwa muri ONUSIDA mu nama yabereye i Genève, avuga ko kugabanura igitigiri c’abahitanwa n’ikiza SIDA kw’isi bishoboka, naho mu mwaka w’i 2013 hibonekeje ko igitigiri c’abawugenda ciyongeyeko gato.

Kugira ihangiro yo kuwugabanya burundi ishoboke, Michel Sibide avuga ko hakenewe ukwitanga kwa buri muntu wese haba mu buryo canke mu kwerekana inguvu mu kurwanya ikiza SIDA. Mu cegeranyo cerekenywe n’abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igitigiri c’abahitanwa na SIDA, cagabanutse ku muriyoni n’igice mu mwaka umwe, bikavurwa ko ari igabanuka ritari ryigere riboneka kuva mu mwaka w’ 2005.

Akandi karusho kahabaye mu kurwanya ikiza ca SIDA kw’isi, ni uburyo butangwa buguma bwiyongera ku mwaka ku mwaka. Mu mwaka uheze w’i 2013 hakaba hatanzwe amafaranga agera ku miriyaridi 19,1 y’amadorari, mu gihe mu mwaka w’i 1993 yari imiriyaridi 4,6 z’amadorari y’abanyamerika.

Umunyamabanga nshingwabikorwa muri ONUSIDA, Michel SIbide ahamagarira amakungu kurushirizaho kwitanga mu buryo bwose kuko impinga ikiri ndende kugira ihangiro rishikweko kuko hakiri imiriyoni 22 z’abagendana umugera wa SIDA batararonka imiti yo gupfupfahaza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.