Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Patch kataziriwe Adolf kubera ugushusha na Adolf Hitler - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Patch kataziriwe Adolf kubera ugushusha na Adolf Hitler

Patch kataziriwe Adolf kubera ugushusha na Adolf Hitler

samedi 30 Munyonyo 2013

Akabwa kitwa « Patch » kamaze iminsi ari ikiyago ku mbuga ngurukanabumenyi. Na cane cane kuri za Facebook, Twitter n’izindi zo mu bwoko bw’izo. Igituma “Patch” kabaye ikiyago ni ukuba ako kabwa bivurwa ko gashusha cane na Adolf Hilter, umunyaporike w’umudagi yatwaje umukazo, akamara abantu.

JPEG - 21.5 ko
Patch (i bubamfu), Adolf Hitler(i buryo)

“Patch” si akabwa nkutundi twose. Gafise igisera cirabura ku ruhande bw’ububamfu ku mutwe wako. Gafise kandi n’ikindi cirabura nyene kiva ku zuru kija ku munwa, umuntu aravye yohava agira ko “Patch” gafise ubwanwa. Ivyo rero, ku bantu, bikoranye ntivyijana uko bidatanze ishusho ry’ikintu canke umuntu ashobora kuba yarabonye. Lynda Whitehead, umwana w’umukobwa w’umwongerezakazi, akaba ariwe yabonye ubwa mbere ugushusha kwa Patch hamwe na Hitler.

Kuva ico gihe Lynda avugiye ukwo gushusha, “Patch” baciye bagaha izina rishasha: Adolf. Izina ry’iritazirano ry’uwatwaje umukazo igihugu c’ubudagi yitwa Adolf Hitler. Lynda ariko akaba avuga ko ukwo gushusha kugarukira aho gusa, kuko ako kabwa gatekereza cane, n’ikibano ciza. Ntaho gahuriye na gato na Hitler mu bijanye n’inyifato. Ako kabwa kamaze amayinga 7 gusa kabayeho. “Patch” canke Adolf, gafise utundi tubwa 2 biva mu nda imwe. Ariko rero tuno ntidusa na gato na Moussolini canke Staline.

Aya masanamu akurikira yerekana ukwo gushusha kwa Patch na Hilter bavuga :


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.