Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rugombo : Ibura ry’amazi ryakweze indwara ya korera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Rugombo : Ibura ry’amazi ryakweze indwara ya korera

Rugombo : Ibura ry’amazi ryakweze indwara ya korera

lundi 30 Ruheshi 2014

Ingaruka mbi kw’ibura ry’amazi muri komine ya Rugombo ziratanguye kwibonekeza nk’uko Kaderi Beatrice musitanteri abimenyesha.

Ku va amazi abuze muri iyo komine haraheze indwi zibiri, abantu bagera ku ndwi nibo bamaze kwandura ikiza ca korera, abo bose bakaba barwariye mu bitaro vya komine ya Rugombo. Musitanteri w’iyo komine akaba mu minsi yahera, yari yasavye abagira neza gufasha kugira iyo komine igire amazi meza kandi menshi. Ibura ry’amazi muri iyo komine, abanyagihugu bakavuga ko ritazobasiga amahoro, mu gihe n’ayo kwizimya akanyota asigaye aboneka umunyagihugu arushe.

Musitanteri w’iyo komine Beatrice Kaderi akaba asaba abanyagihugu arongoye gukurikiza amategeko y’isuku, na cane cane bakigora bagafungura ari uko babanje gukaraba neza n’isabuni, ndetse bagapfundikira n’ubuzu bwa surwumwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Twebwe tutari,muburundi nacanecane twe turi muvya:Sadec,iyo twumva zimwe mungorane zibangamira Abarundi bene wacu,harimwo nk’inzara,ibura ryamazi,biradutangaza cane,kwumva,igihugu nk’Uburundi gifise,imigezi,amasoko,nimisozi mireremire,ibiti n’amashamba,ikigeretswe ko nyamukuru;imvura ikaba igwa,ariko tukumva amakuru nkayo birababaje mugihe twebwe hino turi heshi imvura irwa amezi2 gusa,mumwaka,canke3,ushobora kugenda ikirere kingana n’uburundi kugwiza3 utarabona umugezi n’umwe,ariko mbona abantu babayeho,ntabicwa n’inzara n’inyota ndabona.Abarundi murakwiye gusenga imana ikabahindurira amateka,kuko muratukishije,akarere kibiyaga binini.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.