Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Scofield” yemeje ko ari umu “gay” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > “Scofield” yemeje ko ari umu “gay”

“Scofield” yemeje ko ari umu “gay”

jeudi 22 Myandagaro 2013

Wentworth Miller azwi cane kw’izina rya Scofield yanse kwitaba ubutumire bw’isabukuru y’amareresi y’i Saint- Pétersbourg mu Burusiya. Ivyo kubera yemeje ko ari mu murwi w’abahuza ibitsina babisangiye bamwe bita aba “gay”. Akaba yanse kurera iyo mpengamiro yiwe idahabwa ni rwere, ivyo bikaba muri ico gihugu c’Uburusiya.

JPEG - 16.5 ko
Wentworth Miller

Isabukuru y’amareresi y’i Saint- Pétersbourg mu Burusiya yarahaye ubutumire Wentworth Miller azwi kw’izina rya Michaeal Scofield mw’ireresi izwi cane “Prison Break”. Ariko uyu mu kinyi w’amareresi akaba yanse kwitaba ubwo butumire. Imvo y’ukwo guhakana akaba ari uko hari itegeko riheruka gutorwa mu Burusiya ribuza kandi ritegura n’ibihano ku bantu berekana, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, impengamiro z’abahuza ibitsina babisangiye.

JPEG - 25.9 ko
Wentworth Miller

Ndabashimiye kuri ubwo butumire. Narakunze Uburusiya nabonye igihe nabugendera, kandi ndabufisemwo n’amamuko, nari kuryoherwa n’ukuza. Ariko kubera ndi umwe mubafise impengamiro yo guhuza ibitsina n’ababisangiye nsinzitaba ubutumire”, ukwo akaba ariko yanditse uyo mukinyi Wentworth Miller. Miller akaba yongeyeko ndetse ati: “Ndababazwa cane n’ukuntu abagabo n’abagore bafise iyo mpengamiro yo guhuza ibitsina babisangiye bafatwa. Uko vyifashe n’ibintu atawobisabirako kuri ubwo rero nanje sinogenda ndabizi, ngo ngire iminsi mikuru mu gihugu abantu nkanje bankirwa kubaho mu mwidegemvyo w’uko bari”.

Mwomenya ko haheze imyaka igihuha cuko Wentworth Miller ari umu “gay” kivugwa, ariko ntiyari bwigere abivuga ku mugaragaro, ngo afate ijambo yemeze iyo nkuru ko ari yo.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.