Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sierra Leone : Abana bagiye kuzohora bakurikiranira ivyirwa ku maradiyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Sierra Leone : Abana bagiye kuzohora bakurikiranira ivyirwa ku maradiyo (...)

Sierra Leone : Abana bagiye kuzohora bakurikiranira ivyirwa ku maradiyo kubera ebola

vendredi 10 Gitugutu 2014

Mu gihugu ca Sierra Leone, urutonde rw’ivyigwa bica kw’iradiyo no ku mboneshakure. Kubera ikiza ca Ebola cateye, amashure yarugawe, mu kwezi kwa Nyakanga ntivyashobotse ko amashure atangura.

K’uko abana badashobora kuja kw’ishure, n’ishure rizoja iyo bari. Kuva kw’igenekerezo ry’7 Gitugutu, muri Sierra Leone, amaradiyo 41 n’imboneshakure y’igihugu bicisha ivyigwa amasaha ane imisi yose muri ico gihugu cose. Ibiro vy’umukuru w’igihu bimenyesha ko hari ivyigwa vyo guhera ku bana bato cane gushika ku bari muri kaminuza.

Imvo nyamukuru n’iyo kugabanya ingaruka mbi zoterwa n’ico kiza ku ndero ihabwa imiyabaga, nk’uko umuvugizi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Alpha Kanou, abisigura avuga ko abana bazohabwa ivyigwa mu gifaransa, mu congereza, ivyigwa vy’ibiharuro , n’ibindi. Akavuga ko batoye abigisha babinonosoye bo mu gihugu kugira batange ivyo vyigwa muri ico gihe, kugira bagume biga kandi bibuka ko ari abanyeshure.

Kugira abanyeshure bafate nkakama ivyo vyigwa, abategetsi bateguye ko bazokora ibibazo ku vyigwa vyaciye ku maradiyo, igihe amashure asubiye gutangura.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.