Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Turakundana ariko namubeshe ko ndi isugi’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > ’’Turakundana ariko namubeshe ko ndi isugi’’

’’Turakundana ariko namubeshe ko ndi isugi’’

dimanche 16 Kigarama 2012

Umukobwa yabeshe umuhungu bakundana ko akiri isugi kandi afise uwundi mugabo akuze bama baryamana kuko amuha ivyo akeneye vyose. Mu myuma, yarabuze ingene abwira uwo bakundana ingene ubusugi bwagiye kuko yari yaranse ko baryamana.

Mfise imyaka 22 nkaba mfise umutama dukundana (Sugar daddy) ampa ikintu cose nkeneye, amafaranga, impuzu,amavuta amota neza,ikirori, gusohoka, n’ibindi vyinshi eka ntanakimwe ndamuburana nukuri.

Ariko naho biri uko mfise n’uwundi mwana akiri mutoya nkunda cane nihebeye afise imyaka 20, tumaze imyaka igera kuri 2 dukundana urukundo rukomeye.
Uwo musore dukundana yama ansaba ko turyamana ariko nkavyanka nkamubwira ko nkiri isugi nkabona biramubabaje ariko akihangana. Sugar daddy wanje wewe tumaze kuryamana incuro zigeze 5.

Ubu none uwo musore akiri muto dukundana ninamwemerera umunsi umwe ko turyamana, akabona ko ntakiri isugi nzomubwira ko vyagenze gute? Ko mu muryango iwacu ata nce tumera? Ko ubwoko bwacu ata nce buvukana? Ko nakinye nkiri muto nkanyonga ikinga hanyuma ubusugi bugahera? Cenke.

Impanuro noha bagenzi banye canke umuntu wese w’umukobwa azosoma iyi nkuru ntagakore ivyo nakoze.


Eric Arinabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.