Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Twomenya gute indwara ya Cholera? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Twomenya gute indwara ya Cholera?

Twomenya gute indwara ya Cholera?

lundi 6 Gitugutu 2014

Indwara ya Cholera irabangamira amagara yabantu kw’isi yose, cane cane mu bihugu bikenye, bivanye n’irwirirana ry’abantu babayeho nabi mu bijanye n’isuku.

Cholera irabangamira cane igihugu cacu, aho benshi batagira amazi meza, bigatuma yibonekeza. Mbega iyo ndwara iva kuki? Twoyimenya gute? Twoyirinda gute?

Abahinga mu buvuzi bavuga ko Cholera iterwa n’agakoko kitwa “Vibrio Cholerae”. Iyo ndwara ikaba yandukira mu gihe umuntu akoze ku wuyirwaye canke ku mpuzu ziriko uwo mugera, anyoye amazi canke ariye imfungurwa zirimwo uwo mugera. Umwanya iyo ndwara imara kugira yibonekeze mu mubiri w’umuntu ni umunsi 1 gushika ku misi 3.

Ibimenyetso n’uburyo bwo kuyikingira

Umuntu ayigwaye arituma cane ukamenga n’amazi aseseka (amaritiro menshi ku munsi), akadahwa cane, akagira n’amaganya. Ivyo bigatuma umurwayi yumva uburuhe bwinshi, akanyoterwa cane, akagira ububabare mu nyama (crampes musculaires), bikerekana ko atanguye kubura amazi mu mubiri (déshydratation), ubushuhe bw’umubiri bukagabanuka (hypothermie), ibiro bigakoroka mu mwanya muto, iyo umurwayi atavuwe mu maguru masha aratebe agapfa.

Hakaba n’abandi bashobora kuyandura ariko hagahera imisi myinshi (imisi 7 gushika kuri 14) ata bimenyetso bagaragaza, abo rero bagashobora kwanduza benshi, kuko agakoko gatera iyo ndwara kaba kari mu mwanda mukuru yasohoye.

Ababangamirwa no gupfa, iyo banduye indwara ya Cholera, n’abantu bafise amagara make nk’abana bishwe no gufungura nabi (malnutrition) hamwe n’abagendana umugera wa Sida.

Cholera n’indwara yoroshe kuvura, muguha umurwayi imiti imukiza, ibice 80 kw’ijana vy’abarwaye barakira iyo banyarukiye kwa muganga bakavurwa neza.

Mu kuyikingira, abantu bogira isuku aho bababaye no muvyo bafungura, bagakoresha amazi meza. Aho iyo ndwara imaze gutera, ni ugukora ibishoboka mu kugabanya abo ihitana, mu kubaronsa imiti, mu kubigisha uburyo bwo gutegura imfungurwa no kugira isuku, ariko cane cane mu kubaronsa amazi meza n’aho baba hasukuye.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.