Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Umugabo wanje akundana na murumuna wanje’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > ’’Umugabo wanje akundana na murumuna wanje’’

’’Umugabo wanje akundana na murumuna wanje’’

vendredi 14 Kigarama 2012

Umugabo yahevye umugore wiwe afatana n’umukobwa avukana n’uwo mugore. Hanyuma uwo mugore arabafata bari barasomana batavanako.

umugore yashinze intahe avuga ingene vyatanguye. yavuze ati: Vyatanguye mbona ari ubugenzi busanzwe bwo mu muryango kandi kuko narinzi ukuntu murumuna wanje anyubaha n’ukuntu umugabo wanje ankunda. Numva bitoshoboka ko amvanga.

Ikindi camfunga amaso n’ukuntu aho yaja hose twaba turi kumwe agatoki kukandi anyereka urukundo k’uburyo ntakeka ko yomvanga. Ngerageje kwibuka neza, hari iminsi mikuru myinshi twagiye tujanamwo n’umugabo wanje ahejeje agafata ijambo hagati y’abantu benshi akababwira ko ankunda ko ashima n’urukundo dufitanye!
Ariko natangajwe nuko umunsi umwe yari yadusohokanye nk’umuryango twese na murumuna wanje arihari,hanyuma akaguma aganiriza murumuna wanje kurusha uko yahora anganiriza turi babiri. Inyuma yaho gato sinzi ukuntu amatara yacitse, gutyo umugabo wanje agenda nk’ugiye kwihagarika, munyuma gato na murumuna wanje aramukurikira. Amatara aca aragaruka.

Ndavye hirya ncambona ariko arasomana n’umugabo wanje mu nzira ija ku musarani waho twari twasohokeye. Bari baziko binyegeje ahatabona ariko uwubundabunda abona n’uwuhagaze.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.