Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Brarudi : Umugambi wo kurwanya SIDA mu bakozi ugeze ku ntambwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Brarudi : Umugambi wo kurwanya SIDA mu bakozi ugeze ku ntambwe (...)

Brarudi : Umugambi wo kurwanya SIDA mu bakozi ugeze ku ntambwe iboneka

vendredi 20 Kigarama 2013

Ishirahamwe Brarudi rimaze imyaka 12 ryaratanguje umugambi wo kurwanya umugera wa Sida. Ni muri iyo ntumbero ryatunganije uruganda rwo kurabira hamwe aho uwo mugambi ugeze. Uwo mugambi ukaba wabaye ngirakamaro cane ku bakozi n’imiryango y’abakozi b’iryo shirahamwe basanzwe bagendana umugera wa Sida.

Ishirahamwe Brarudi ryatunganije uruganda, kuri uno wa kane igenekerezo rya 19 Kigarama 2013, rwo kuraba aho uwo mugambi wo kurwanya umugera wa Sida muri iryo shirahamwe ugeze. Intumbero rero yari iyo gusangira n’abandi, ivyiza babonye muri uwo mugambi.

Umuyobozi w’abakozi (directeur ressources humaines Michel Ndabashinze yamenyesheje ko Brarudi yabaye ishirahamwe rya mbere, ryemeye gufata mu mugongo abakozi baryo barwaye umugera wa Sida hamwe na bamwe mu miryango yabo igendana uwo mugera nyene. Naho iyo ntumbero bihaye itarashika ku rugero bipfuza, ko ata muntu n’umwe yosubira kwandura uwo mugera, canke ngo yanduze abandi ‘’zero nouvelle infection, zero discrimination et zero décès, bivanye n’umugera wa SIDA,’’hari akarusho katari gake kiyongereyeko, nk’uko bimenyeshwa na Michel Ndabashinze. Aha aravuga nk’igabanuka ku rugero ruboneka rwabicwa n’uwo mugera, igabanuka ry’abinjira ibitaro gusiba gake, hamwe n’iyongerekana ry’umwimbu.

Ku bw’uyo muyobozi, ivyo vyose vyavuye mu twigoro ntangere twagiye tugirwa n’abo bose berwa n’ico kibazo. Nta n’umwe ayobewe ko kurwanya umugera wa Sida ari akazi ka buri muntu wese, tukaba tuzi ko igikorwa ca mbere co kurwanya umugera wa Sida bugingo umuti canke urucanco bitaraboneka, ari gukinga gusa. Inyigisho n’abajejwe amagara y’abantu ku mirimo, guteza imbere ivyo kwipimisha ku bushake hamwe no gukoresha agakingirizo ku bo bidakunda ko bihangana ni bimwe vyotuma umugera ugabanuka.

Umuganga Emmanuel Kamo, asanzwe akorera mw’ishirahamwe Brarudi na wenyene ku ruhande rwiwe, ivyaranguwe n’uwo mugambi ni vyiza cane. Yaciye aronkeraho akaryo ko gutumira ayandi mashirahamwe y’abikorera utwabo gufata ako karorero ka Brarudi, ko gufata mu mugongo abakozi babo bagendana umugera, kugira bakoranire hamwe mu kurwanya ico kiza ruhonyanganda Sida.

Mu tugorane twagiye turibonekeza muri uwo mugambi, ni ukwo abasanzwe bagwaye uwo mugera bikumira, kuko badakunda kuyaga n’abandi bakorana ivyerekeye uwo mugera. Iyindi ngorane ituma umugera w’iyongera n’uko abipimisha ku bushake bwabo bakiri bake cane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.