Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore wa mbere anonotse kw’isi yose ava mu Burusiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugore wa mbere anonotse kw’isi yose ava mu Burusiya

Umugore wa mbere anonotse kw’isi yose ava mu Burusiya

vendredi 26 Kigarama 2014

Zlata ni umugore yavukiye mu Burusiya, ubu akaba aba mu gihugu c’Ubudagi. Uwo mugore afise imyaka 27 y’amavuka, akaba ariwe mugore wa mbere anonotse kw’isi yose.

Zlata yatanguye umwuga ngororamubiri n’imyimenyerezo bijana akiri muto, afise imyaka ine. Ubu akaba asigaye ari umuntu akomeye kubera ibintu agira bitangaza abantu benshi. Uwo mugore akaba anonotse cane ku buryo ashobora kwihindukiza mu buryo bwose no mu mpande zose akoresheje umubiri wiwe. Vyongeye akaba yararonse n’ubushimwe bwinshi kubera uwo mwuga ngororamubiri.

Zlata avuga ko kuri we ari bintu bisanzwe, gusa rimwe rimwe biruhisha mu gihe amazeyo umwanya munini, cane cane bariko baramufotora. Mugabo arongera akavuga ko kuva abitanguye yaciye yumva yoguma abibandanya akabigira n’umwuga.

Zlata asigaye afise ari umuntu atunze cane kubera ubushimwe amaze kuronka, tutibagiye n’imyiyerekano agenda aragira hirya no hino.

Amafoto yiwe


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.