Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi mukuru mpuzamakungu n’umunsi wagenewe bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umunsi mukuru mpuzamakungu n’umunsi wagenewe bose

Umunsi mukuru mpuzamakungu n’umunsi wagenewe bose

lundi 23 Ruheshi 2014

Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki warahimbajwe ukuri kwamye mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, abaririmvyi bararonkejwe umwanya ukwiye wo kwidagadukura eka n’abakunzi b’umuziki bararonkejwe akanya ko kwidagadura hamwe n’abaririmvyi bakunda.

Umunsi wahariwe umuziki kw’isi yose no mu Burundi warahimbajwe ukuri kwamye. Ikigo c’abafaransa kiri mu bafashije gutegura uwo umunsi, cari catumiye abaririmvyi batari bake kwifadikanya n’abakunzi b’umuziki w’Uburundi. Hatumirwa cane cane abaririmvyi bavuza umuziki ikibiriraho (Live).

Tubajije icegera c’uwurongoye ikigo c’abafaransa mu Burundi, yatubwiyeko umunsi mukuru wahariwe umuziki usanzwe uhimbazwa muri ubwo buryo. Nk’uko uwo munsi watanguye guhimbazwa ubwa mbere mu gihugu c’Ubufaransa, yatubwiye ko babigira uko, kugira abantu bisanzure atawukumiriwe. Uwo, arashima uko Abarundi bakunda umuziki, ari naco gituma biyumviriye kuwuhimbaza nko mu yandi makungu. Mwomenya ko amabarabara atari make yinjira mu gisagara ca Bujumbura yari yazibiwe, kuko hari hubatswe imbimpi (podium) z’abaririmvyi. Icegera c’umukuru w’ikigo ndangakaranga c’abafaransa akaba yarangije ashimira abarongozi b’igisagara ca Bujumubura, batanze uruhusha rwo kwugara amabarabara.

JPEG - 1.1 Mo
Icegera c’uwurongoye ikigo c’abafaransa mu Burundi

Nk’uko rero twavyiboneye, abaririmvyi batari bake bari ku rutonde rw’abateramisha aho mu masanganzira ya "Avenue de la Victoire"na "Boulevard de l’Uprona". Abaheza aho baca bagenda gufasha abandi bariko baririmbira mu Bwiza. Abanyagihugu batandukanye uri abadandaza amagi n’ivyema, uri abanyamahanga bari bakinje batamba batarika.

Raba aha munsi uko vyari bitegekanijwe

Amwe mu mashusho yaranze uwo munsi amashusho


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.