Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi mukuru wa Noël mu Burundi no mu Bubirigi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umunsi mukuru wa Noël mu Burundi no mu Bubirigi

Umunsi mukuru wa Noël mu Burundi no mu Bubirigi

vendredi 13 Kigarama 2013

Umunsi mukuru wa Noël abantu bakunda kuwitirira umunsi mukuru w’abana ariko n’abakuze barawuhimbaza. Uburundi nk’igihugu kirimwo abantu benshi bemera Imana, barahimbaza uwo munsi cane cane bawerekeza ku bana. Abantu canke amashirahamwe barasangira akamwemwe n’imiryango yabo, abandi nabo bakibuka abana bo mu marerero y’impfuvyi, canke abana bo mw’ibarabara. N’abarundi bari mu makungu uwo muco w’igihugu cabo barawugumana, maze umunsi mukuru wa Noel bakawufata nk’umunsi uhambaye, bakarara barasenga, baririmba ijoro ryose.

Mu burundi, ishirahamwe « Youth Black Shine Princes », rihurikiyemwo urwaruka rwamenyaniwe ku muhora wa FACEBOOK rwahisemwo kuzosangira umunsi mukuru wa Noël n’abana bari mw’irerero ry’impfuvyi ryitwa « Notre Dame de Tendresse ». Kuri uwo munsi bataziriye "Noël pour les enfants", bazoba bitegekanije imfashanyo y’ibintu bitandukanye nk’impuzu, insukari, amata eka n’ibindi bizoba vyashoboye kuboneka, kuko n’abo bagize uwo mutima w’imbabazi barasaba n’abandi babishoboye kandi babishaka gutanga imfashanyo zabo. Uwo gira ico afashije yobaza ku nomero 79316262 canke 78868262.

Hazoba ari kw’igenekerezo rya 22 Kigarama

Abarundi bari mu gihugu c’Ububirigi nabo nyene bariteguriye uwo munsi bihagije. Abari mw’ishirahamwe « Brabant Flamand » biteguriye kuzohimbiriza umunsi wa Noël mu gisagara ca Landen kiri mu ntara ya Flamand, guhera igihe c’isaha 18 z’umugoroba. Kuva izo saha hazoca hatangura imisa, bazofungura, bazonywa batambe umudiho w’ikirundi n’izindi mvyino zitandukanye. Muri uwo munsi mukuru witirwa abana, barateguye icumba kizoryamamwo abana bazoba barushe, n’abandi bazoba bahaze urukanya boharyama. Abavyeyi bokwitwaza ivyo kwiyoronsa gusa. Kwinjira bazotanga amahera 10€ (akoreshwa iburaya « euros ), ku bana bari munsi y’imyaka 12 bazobarihira amahera 5 y’amanyaburaya.

Igitandukanye muri ivyo biteramo bibiri vya Noël, n’uko bamwe bazogenda kwifadikanya n’abana b’impfuvyi kugira babereke ko naho badafise abavyeyi hari abantu babiyumvira, kandi n’ukugerageza kubibutsa umunezero. Abo n’abo bari i Buraya uzoba ari umunsi w’ukuryoherwa gusa. Ntamfashanyo bazoba bariko baratanga kuko naho bizobera uwutazoba afise ayo barihisha mu kwinjira ntazohonyozayo ikirenge. Ese nabo iyo bagira ico barungitse i Burundi kugira bafashe impfuvyi n’abapfakazi batazi icitwa umunezero.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.