Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu niwe yicwa n’inzara ku bantu umunani - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Umuntu niwe yicwa n’inzara ku bantu umunani

Umuntu niwe yicwa n’inzara ku bantu umunani

mardi 1er Gitugutu 2013

Icegereranyo cashyizwe ahabona n’amashami ya ONU kiravuga ko umuntu umwe ku bantu umunani kw’isi yicwa n’inzara.
Ico cegeranyo gikoreye ku myaka ibiri iheze kivuga ko abantu barenga imiliyoni 800 kw’isi bataronka ivyo bafungura bikwiye.

Kubwa BBC yakoreye kuri ico cegeranyo, abakoze ico cegeranyo bavuga ko abo bantu bataronka iyo kurya bikwiye kugira bashobore kubaho neza batarwaragurika kandi bashobore gukora.

Aho hose, ivyo biharuro bishasha biri hasi gato y’ivyari vyatangajwe mu myaka ibiri yatanguriye iyo iheze. Hahindutse gato cane mu bihugu vyo munsi y’ubugararwa bwa Sahara, hanyuma ntihagira igihunduka namba mu burengerazuba bwa Aziya.

N’aho kw’isi nziza ata kindi kivugwa atari ukwitegurira ikimpumbi, ico cegereranyo kiramenyesha ko ihangiro ry’ico kinyagihumbi yo kugabanya kabiri ibiharuro vy’abantu bicwa n’inzara mu mwaka w’2015 ishobora kutazoshikwako kuko igitigiri c’ababura imfungurwa gitera ciyongera uko imyaka itaha.


Egide Nduwimana

Messages

  • Leta y’uburundi yarikwiye gukura amakori kubifungurwa hama bakabuza gushora uburobe kuko uburobe buri mubintu bituma ifu ry’imyumbati ribura kandi Leta yari ikwiye kugabanya ibiciro kubifungurwa nk’umuceri n’ibiharage n’ibindi...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.