Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyeshure mu vy’ubuganga yabaye Miss w’u Bufaransa 2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umunyeshure mu vy’ubuganga yabaye Miss w’u Bufaransa 2013

Umunyeshure mu vy’ubuganga yabaye Miss w’u Bufaransa 2013

dimanche 9 Kigarama 2012

Marine Lorphelin yaraye atowe kuba Miss w’u Bufaransa mu mwaka w’2013.

Inyuma yaho abereye Miss Bourgogne, Marine Lorphelin afise imyaka 19, umunyeshure muri kaminuza yiga ivy’ubuganga yaraye abaye Miss w’u Bufaransa mu mwaka w’2013. akurikiye Delphine Wespiser yahora muri ico kibanza mu birori vyabereye i Zenith de Limoges.

Igihe bari mu birori vyo kumwerekana ku mugaragaro vyaciye ku mboneshakure TF1. Uwo mwigeme mwiza apima imetero imwe na santimetero76 z’uburebure yamenyesheje ko yamye yiyumvira kuba umuganga w’umuhinga mu ngwara z’abana n’iz’abakenyezi, akaba yiyerekanye nk’umuntu asanzwe, afasha kandi aje kugira ico ahinduye kandi ko azogendera ibice bimwe bimwe vy’igihugu c’U Bufaransa eka mbere no kw’isi yose muri kino gihe atowe nka Miss w’igihugu cose mu mwaka w’2013.

Inyuma yaho Alain Delon umukuru ahoraho atanga amanota atangarije ko Marine abaye Miss w’u Bufaransa 2013 akongera agamusoma mu ruhanga, yaciye atangura kurira nk’uko biri mu mico y’u Bufaransa. Nk’uko Sylvie Tellier Miss wo mu mwaka w’2002 akaba n’umuyobozi mukuru wa Miss France yabimenyesheje, ngo yaranezerewe kuko indoto ziwe zari zihejeje kuja mu ngiro zo kuronka Miss akunda gufasha, kumenya ingorane abandi bafise, anezerwa kandi kuba umuserukizi w’umuco w’u Bufaransa.

Alain Delon umukuru w’umurwi watanze amanota yamenyesheje kandi ko inyuma yaho baharuriye amanota y’abatoye bakayemeza hamwe n’umurwi bakoranye, vyabonetse ko Miss Bourgogne yariko ahiganwa n’uwundi mupfasoni mwiza w’imyaka 22, uwu mbere akaba yari afise umurwi w’abantu 20 bamufasha kwimenyekanisha igisanzwe kibujijwe mu mategeko ya Miss w’u Bufaransa.

Imbere y’abarorerezi 4000, abo bigeme 33 bahinduye imyambaro incuro 10, eka mbere no mu ntumbero yo kwibuka Mireille Darc ,abigeme 12 bari bashitse mu gice ca nyuma bakaba bari bambaye impuzu zerekana umugongo zatowe na Guy Laroche.

Muri iryo joro risanzwe riri mu majoro ahuza abantu benshi ryari ryatunganijwe na Societe de production Endemol, rikaba ariryo rifise mu minwe amatora ya Miss w’u Bufaransa. Irindi higanwa ni irya Miss Prestige national rizoba ku mugoroba wo kuri uno wa mbere I Lido mu gisagara ca Paris. Aha naho Miss wo mu mwaka w’1968 Christiane Lillio akaba ariwe azoba arirongoye, rikaba ryatumiwemwo Genevieve de Fontenay yategura ihiganwa Miss kuva mu mwaka w’1954 ariko akaba yarabihevye ubu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.