Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Miss Bikiyo yatukanye na Paparazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuririmvyi Miss Bikiyo yatukanye na Paparazi

Umuririmvyi Miss Bikiyo yatukanye na Paparazi

lundi 17 Kigarama 2012

Umwe mu baririrmvyi b’abarundikazi akunzwe cane kuboneka kuri facebook mbere akaba asanzwe afise na website yiwe ariyo www.bikiyo.com , uwo nawe akaba ari Mis Bikiyo canke Keza Bikiyo, tugize igihe tubona kuri facebook yiwe yandika amajambo adahumuriza,tukibaza rero igituma yandika ayo majambo.

Ubu vuba aheruka kwishurana nabi n’umwe mubantu bitanga mugushikiriza amakungu uko umuziki w’uburundi uriko uragenda. Abantu bakibaza rero bati mbega ko babikora kugukunda umuziki hari ingaruka iri mu gufatwa nabi? Niho nayaga nuwo bashwanye ubwanyuma akamenyesha koyababaye cane bivanye n’uko yamubwiye, ngo kuko yafashe nabi abandi baririmvyi bagenzi biwe. Ari naco catumye afata ivyo bayaze akabishira kuri facebook,kugira n’abandi bakunzi b’umuziki babibone,nayo ngo kukijanye nukumuca intege ngo ntazomuca intege kuko wewe azi ico ariko arakora.

Tubibutse ko Mis Bikiyo ari mu barundi bakora indirimbo neza nkiyo aheruka gusohora,ikindi mwomenya n’uko ari umufasha wa nyene ‘’Iwacu Vision Company’’.

kw’ifoto: Miss Bikiyo


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.