Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurundi Saido Berahino yatsinze ibitsindo 4 muri 7 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umurundi Saido Berahino yatsinze ibitsindo 4 muri 7

Umurundi Saido Berahino yatsinze ibitsindo 4 muri 7

lundi 5 Nzero 2015

Umurundi Saido Berahino akinira umurwi wa West Bromwich yatsinze ibitsindo 4 muri 7 ku busa bw’umurwi wa Gateshead mu nkino za FA Cup.

Saido Berahino yinjije igitsindo ca mbere ku munota 42,mugenzi we Victor Anichebe ashiramwo ica kabiri maze igice ca mbere gihera ari 2-0. Saido ntiyagarukirije aho, kuko ku munota wa 46 yatsinze igitsindo ca gatatu. Yinjije ica kane ku munota wa 53. Umukinyi Brant nawe yaciye yinjiza igitsindo ca gatanu ku munota wa 55 na mugenzi we arashiramwo ikindi ca gatandatu ku munota wa 78.

Urukino riri muguhera, Saido yasubiriye kwinjiza ku munota wa 90, aca arakwiza ibitsindo 4 vyiwe mu rukino rumwe. Umukino warangiye ku bitsindo 7 vya West Bromwich n’ubusa bw’umurwi Gateshead.

Saido asigaye aronderwa n’imirwi yo mu Bwongereza ikomakomeye nka Liverpool na Tottenham, mbere akaba yaratowe nk’umukinyi yitwaye neza kurusha abandi muri izo nkino. N’ubwo yatsinze ivyo bitsindo vyaribonekeje ko Saido ataryohewe cane bigatuma abantu bibaza impavu uwo mukinyi atigeze aryohererwa n’itsinzi yiwe.

Abantu bakaba batanguye kwibaza ko yoba adakunda gukinira umurwi arimwo, arko umumenyereza wa West Bromwich, Tony Pulis yabibeshuje avuga ko Saido akunda gukinira umurwi wiwe naho atigeze aryoherwa nabo bakinana mu gihe bari batsinze.

JPEG - 64.2 ko
Tony Pulis

Lorene Nubwabo

Messages

  • uwo BERAHINO abanyarwanda bagiye babeshya ngo ni uwabo. kuko byarabatangaje ukuntu umurundi yakina ruhago gutyo. kubera ubwirasi ya nkoramaraso ngo ni KAGAME yakoresheje inama ya gouvernement nuko iravuga ngo ikipe yurwanda irakomeye ngo ifite abahanga nka BERAHINO. kubera kwica abantu cyane uwo mwicanyi ntakimenya gutandikanya abanyarwanda nabarundi

  • Ewe Mushenzi mutabazi ivyo wandika ukeneye ibiboko vyinshi kuli urwo ruzuru, urwanda rugeze kure muli developpement wewe nguma mwica abantu avec tes inbonerakure alias les safisha

  • Mbe mutabazi ko utanguye umwaka abadayimoni usigaye aribo uhema, uzowuheza? Aho usanga wewe nyene ari amaraso washeshe akurokombesha. Wari uzi ngo uzimanganije agashushu k’Imana ngo uzogira amahoro? Amaraso aguma akwagiriza nyene, aha mu misi utihanye no gusara uzosara kko sinumva ivyo bikuvamwo iyo biva atari kwa rusiferi. Pour ton interet uku kwezi ntikugusigarane ayo madayimoni utarayihakana ahandiho uragowe!!!!!!!!!!!!!

  • gahanga wishwe niki?...nishwe nugwa abagabo nawe uzokwicwa nakarimi kawe we shaa mutabazi barayamaze ngo ho guhandwa kuru rimi wopfumuhandwa kubirenge.kagame surugero gwawe petit kwanza no muriyi topic ntawarimwo sinzico wamushiriyemwo.ntahutaniye nagahanga.

  • Huuum uyu wiyise mutabazi afite ikibazo mumutwe gusa amaraso nimabi kweli utangiye kwirega se wangu uririwe ntutaye niko Baca umugani.

  • Mutabazi nibakureke uhumeke kugakuru gatwengeje watugejejeho! abo nabo biha kuvugira Kagame, nuko bazi ico bamuzeyeko!

  • Mutabaziwe...Urutwanuwapfuye.Ndumvantayo,utandukaniye,nabasazi!Bagutabarize,bakugeze,indera Nivyankabakujane,kwarujanti.Ikijuju.Com

  • saido nakomere turi inyuma yiwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.