Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusore asumvya ibisusu abagore - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umusore asumvya ibisusu abagore

Umusore asumvya ibisusu abagore

jeudi 15 Nzero 2015

Micah afise imyaka 20 yamenyekanye n’abantu kubera ukuntu ateye nk’abagore. Uwo musore afise ibisusu binini mbere agasumba na Nicki Minaj na Kim Kardashian bavugwa ko bari mu bafise ibsusu binini

Micah ni umuririmvyi w’umudiho wa R&B, afise imyaka 20 y’amavuko. Uwo musore aratangaza abantu benshi kubera ukuntu ateye nk’abagore kandi ari umuhungu. Micah afise ibisusu binini nk’ivya bakobwa aho biboneka ko ashaka gusumvya aba Congomanikazi. Abantu benshi bibajije ko ari vyo yateyeko mugabo ubushakashatsi bwakozwe n’abanyamahanga batandukanye bwaremeje kandi barerekana ko uwo musore ariko aremwe.

Naho uwo musore afise ibisusu binini bisumba n’ivy’abagore benshi, no mu maso biraboneka ko asa n’umukobwa kandi n’inyifato yiwe canke ukuntu yitwara n’ivy’abakobwa. Ivyo bikerekana ko n’ivyiyumviro vyiwe ari ivy’abakobwa kandi yoba akunda abahungu bagenzi we kubera ukuntu yitwara.

Ivyo vyose abantu bakavyerekwa n’amafoto atandukanye Micah akunda gushira ku rubuga rwiwe rwa Instagram, kenshi aba yambaye impuzu z’abakobwa canke ahagaze nk’abakobwa ariko arifotora.

Micah avuga ko ataco bimutwaye, ko yakiriye uko Imana yamuremye ahubwo abifata nk’umugisha yahawe abandi basore badafise, bigatuma amenyekana atarize kwiruhisha.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Uwo numu (omoo)uwo nicokimwe na nuwera na ndiho na hakiza na question bakeneye ibinyaruka kuronka bagapfuma bahemuka mugabo uwo ntaguhemuka uruva ko ariko imana yamuremye

  • Mana we! Ivyo bintu ntibishoboka! Isi irarwaye n’ukuri murabe neza! None nk’umuvyeyi wuwo mwana twovuga yuko afise umwana ki? umukobwa, umuhungu? Kobwa-gihungu? Tumusengere!!!!!!!!!!

  • Ntibitangaje kuko imana irema uko igomba ishatse irarema ikimuga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.