Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urupfu rwa Cory Monteith rwababaje abakunzi biwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Urupfu rwa Cory Monteith rwababaje abakunzi biwe

Urupfu rwa Cory Monteith rwababaje abakunzi biwe

dimanche 14 Mukakaro 2013

Cory Monteith yatowe ikiziga mw’ihoteri y’i Vancouvert nk’uko bivurwa n’igipolisi ca Canada. Cory akaba yari umukinyi w’amareresi rurangiranwa aho yamenyekanye igihe yatangura gukina muri « Glee »

Ku muhingamo w’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Mukakaro uyu mwaka, igipolisi kivuga ko cahamagawe na rusehabaniha ko hari umuntu ahejeje kwitaba Imana ku bintu bisiga ubwenge muri Fairmont Pacific Rim Hotel y’i Vancouvert. Mu mwanya muto, umurwi w’abaganga baciye bishikira aho hari hajeje kubera iryo bara, maze baraheza basanga Cory Monteith w’imyaka 31 ariwe ahejeje kwitaba Imana.

Icishe Cory ntikiramenyekana ariko igipolisi kikaba kiriko kiragira amatohoza, narirya yitavye Imana kandi yariko arategura ibikino vyari guhava bibera aho mw’ihoteri aho yari ahari kuva kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro. Abatari bake bakaba barindiriye kumenya icishe Cory kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 15 mu gatondo.

Mu kwezi kwa Ntwarante guheze, Cory Monteith yari yapfuje gufasa mu ngorane zimwe zimwe nk’ibiyayura mutwe, mu kigo kijejwe kuvura abasinzikajwe n’ibiyayura mutwe. Ariko rero Cory yari yipfuje ko yofashwa n’umwigeme bakundana ariwe Lea Michele asanzwe akina muri « Glee ». Abakunzi ba Cory Monteith aho bari kw’isi yose canke mu gihugu ca Canada bumiwe, ntibararutahura urwo rupfu rw’umukunzi wabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.