Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwahoze ari umuganga wa Mickael Jackson agiye gukurwa mw’ibohero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Uwahoze ari umuganga wa Mickael Jackson agiye gukurwa mw’ibohero

Uwahoze ari umuganga wa Mickael Jackson agiye gukurwa mw’ibohero

mercredi 31 Mukakaro 2013

Umuganga Conrad Murray yahoze akurikirana amagara ya Michael Jackson, “umwami w’umudiho wa Pop”, agiye kurekurwa kw’igenekerezo rya 28 Gitugutu. Akaba yaramaze imyaka 2 mw’ibohero.

Conrad Murry, umuganga bwite wa Michael Jackson, yari yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 4. Igihano yaciriwe kubera yagiriwe n’icaha co kuba yaragize uruhara mu rupfu rwa Michael Jackson. Yagiriwe ko yahaye imiti irengeye ubushobozi bw’umubiri wa Jackson. Ivyo navyo akaba arivyo vyaciye bihitana ubuzima bw’uwo muririmvyi rurangiranwa. Hejuru y’ivyo yagirijwe hakaba harimwo ukuba yaranasize uwo muririmvyi aho yararwariye. Cornad akaba agiye kurekurwa inyuma y’imyaka 2 ari mw’ibohero.

Mu mwaka uheze, uwo muganga akaba yari yamenyesheje ko abayeho nabi cane mw’ibohero arimwo. Ariko amakuru amwe akaba yarabeshuza ivyo yavuga kuko ngo mu cumba yarimwo yarafise imboneshakure ndetse ni telephone.
Ukuva mw’ibohero rero ubu akaba “abiharurira ku ntoke”. Ukwo gutezurirwa ku myaka y’umunyororo bikaba vyavuye ku kuntu ngo yigenjeje neza muri iyi myaka 2 amaze mw’ibihero. Iryo tezurirwa ry’igihano ca Cornad Murry rikaba ridashimisha umuryango w’umuhisi nkuko ikinyamakuru Dail Mail kibimenyesha.

Kubw’umuryango wa Michael Jackson ngo Cornad yarakwiye gupfungwa agaheza n’imiburiburi igihano yaciriwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.