Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yasmin Eleby yabuze uwo bubakana ahitamwo kwigirana ubukwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Yasmin Eleby yabuze uwo bubakana ahitamwo kwigirana ubukwe

Yasmin Eleby yabuze uwo bubakana ahitamwo kwigirana ubukwe

mardi 10 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Kubera kubura uwo bubakana umunyamerikakazi yahisemwo kwiyubakana ico bita mu rurimi rw’igifaransa "Sologamie". Uwo mwigeme w’umunyamerikakazi amaze kubona ko abuze uwo bamarana ubuzima bagasangira ugupfa n’ugukira, amaze kwihebura yahisemwo kwirongora wenyene ubwiwe.

JPEG - 89.7 ko
Yasmin Eleby ku bukwe bwiwe

Yasmin Eleby ,umwigeme w’imyaka 40, yarabonye ko bitagikunze ko abandanya ari inkumi, ubunyakamwe bwari bwamurembeje nikwo gufata ingingo yo kwikorana ubukwe wenyene. Ivyo rero abaryango biwe ngo ntivyabatangaje na gato kuko kuva mu kwezi kwa Gitugutu umwaka urangiye, hari ishirahamwe ry’abayapani ryari ryasavye ko abasore n’inkumi zivyipfuza zishobora kwikorana ubukwe ico bita "Se marier en solo"

Kubatabizi rero ico bita ‘’Sologamie’’ aho mu bihugu vyo hanze birabaho, ngo ni guha akaryo abigeme n’imisore itaronse amahirwe yo kuronka uwo bubakana, ko gushobora nabo kuba mu birori vy’ubukwe bwabo bakanezerwa, bagahimbarwa.

Uwo mwigeme igihe yagira isabukuru ry’imyaka mirongo itatu n’umunani amaze avutse, yari yigiranye isezerano agira ati, niho nashikana imyaka 40 ntararonka uwo twubakana nzoca nikorana ubukwe jewe nyene.

Yasmin Eleby akaba yashikije isezerano. Ku myaka mirongo ine yaciye atunganya ibirori ahitwa musée de la culture afro-américaine n’abagenzi biwe n’incuti. Uwo mwigeme rero akaba ari umuvyeyi wiwe yamushikanye kw’i Arutari imbere y’uko yemera kwagiye kwibana ubuzima bwiwe bwose nka kurya bagira ku bantu babiri basezerana imbere y’abaserukira Imana. N’ubwo rero abatari bake bashobora kwumva umenga ntibibaho ,amakuru ava mu muryango w’uwo mwigeme amenyesha ko uwo mwigeme yashoboye kuronka ubutumwa bwinshi cane bumushigikira bwongera bumutera intege.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.