Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwatse agateka ka Miss Canada inyuma y’amasaha 24 gusa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Bamwatse agateka ka Miss Canada inyuma y’amasaha 24 gusa

Bamwatse agateka ka Miss Canada inyuma y’amasaha 24 gusa

vendredi 31 Rusama 2013

Hari mu biro vyo gutora umukobwa mwiza(miss) wo mu gihugu ca canada, aho bakora amakosa ahambaye, batangaza amajwi atariyo.

Muri ibi birori batangaje, yahawe urugori rwa Miss Canada ariko inyuma gato baje gusanga habayeho ukwihenda mu guharura amajwi, bituma uwari yahawe urwo rugori arwakwa baruha uwundi.

Mu majwi ya mbere, Denise Garrido yari yaje mu kibanza ca Kane, yamara ariwe yari yatsindiye kuba miss wa Canada.

Denise Garrido yari yibeshweho agirwa Miss akaba yaciye yakwa ako gateka.
Nk’uko yabibwiye abamenyeshamakuru, Riza Santos w’imyaka 26 ari nawe yari mu kibanza ca mbere, ivyo vyaramubabaje cane. Yashikirije ati: “Vyarambabaje ku buryo ntashobora kuvyumva, nari nageze ku ndoto zanje, ariko mu kanya k’aho noshimirwa nca ndabibura. Vyankomerekeje umutima.”

JPEG - 24.4 ko
Riza Santos ari nawe yari yatsindiye ikibanza ca mbere

Nadege Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.