IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > 17.205.705.664 y’amarundi niyo amaze gutangwa nk’intererano y’amatora ya (...)

17.205.705.664 y’amarundi niyo amaze gutangwa nk’intererano y’amatora ya 2020

mardi 5 juin 2018

Mu kiganiro yahaye abameneyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018, amenyesha ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2018, umushikiranganji Domitien NDIHOKUBWAYO, avuga ko gushika kw’igenekerezo rya 31 Rusama abakozi ba Reta bari bamaze gutanga 2.688.217.781 z’amarundi.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien NDIHOKUBWAYO, amenyesha ko ku ruhande rw’abari mu gisata ciswe abandi, harimwo amashirahamwe n’ibindi bisata, muri ico kiringo bari bamaze gutanga 6.234.323.549 z’amarundi.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien NDIHOKUBWAYO, amenyesha ko, ibiharuro bamaze gukora vyerekana ko amatora yo muri 2020 ashobora gutwara imiriyaridi 70 z’amarundi.
.
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, amenyesha ko Reta yizeye ko ayo mafaranga izoyegeranya ata mfashanyo z’abanyamagahanga zigiyemwo.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ariko uyu mushikiranganji arasekeje ngo arashikiriza ibyaranguwe niyi ministere haaaa
    ubuse amatora niyo abarundi bakeneye,amatora se ni umuhanda bubatse n’ibitaro bubakiye abanyagihugu ?ikibazo uburundi bufite nuko abarongoye uburundi bita kunyungu zabo gusa naho abanyagihugu bagapfa bazize inzara na leta yakabafashije ikabakuramo n’amahera ngo ni intererano jyenda Burundi ufite abayobozi babi

  • Eeeeh reka tuyegerany hazogere twisuganije knd ibi nibimwe mubikwiy kuranga igihugu cikukiy abanyamahanga babone isomo abasi b’uburundi nabo bamaramare badufatiy ibihano bibaza ngo tuzopfa none ubu nibo badutunze ? Imfashanyo ziramugaza knd zama zirimwo agasuzuguro Burundi standup

  • Ivyonivyo bikenewe mugihugu cacu cu Burundi mbese vyanashoboka bikaba mubihuguvyose vy’Africa kugiravyerekane koko vyikukiye %

  • Arikomwebwe, abanyarwandamurasekeje.
    Harimihandamwebwemu.
    murushuburundi, amavuriro, akwiragiye, uburundibwose, iyonzaramuvuga turetsekubesha , igihe,uburundibufashingingo,umushikiranganji, ajejwe, uburimyinubworoziyavuzegute.
    ko, abaturagibomurwandakobamaze.
    kugira, ingarukanyishi.habakubukungu, cankwekunzara, abanyagihugubomurwandabafise,
    bangahebamabahungiyemubihugu,nkubugandanuburundi, tubatungiyabanyarwandabomorwaninzara.
    ikirocibirayamurwandakirikugihumbi,camanyarwanda.
    rabamuburundikirikumajanatatuyuburundi.
    Impanuro , ibitabarebamuryemurebahasi.
    Uburundinigihugucikukiye kibikwiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.