ACAT Burundi risaba sentare mpuzamakungu gukurikirana abagirizwa amabi mu burundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 Ruheshi 2017 saa 10:32
Yasomwe : 6651
0 0

Ishirahamwe ry’abakirisu bishinze kurwanya ihohoterwa ACAT Burundi risaba Sentare Mpuzamakungu ikorera i La Haye mu gihugu c’Ubuholande kurengutsa mu maguru masha abakurikiranwa ku mabi akorwa mu Burundi.

Mu cegeranyo c’impapuro 11 c’Ishirahamwe ACAT Burundi , iryo shirahamwe rimenyesha ko naho ryahagaritswe gukora na Reta y’Uburundi ,ribandanya kuvugira abahohoterwa ,no gushira ahabona ibikorwa vy gusinzikaza agateka ka zina muntu.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe ACAT Burundi riragaruka ku bwicanyi,ku bantu banyuruzwa ,ku bantu bahagarikwa hadakurikijwe amategeko, hamwe n’abantu bapfungwa hahonyanzwe amategeko.

Ishirahamwe ACAT Burundi risaba imiryango n’ivyabona kubandanya bamenyesha amabi akorwa,ku bakorera amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ACAT Burundi ibasaba gufasha kugira abagirizwa ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu barengutswe imbere y’ubutungane.

Mu kurangiza,ishirahamwe ACAT Burundi risaba ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko,gufata ingingo zose zishoboka zo gukingira abarundi ku mabi asinzikaza agateka ka zina muntu bakorerwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha