Muri izo nkino zabaye kur’uno w’Imana igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2018, umurwi Urunani watsinze Gymykhana, amanota 66 kuri 61, mu gihe Kern watsinze New Star, amanota 67 kuri 62.
Mu rukino ruhuza umurwi w’Urunani na Gymykhana vyabaye ngombwa ko bongera umwanya wo gukina, kuko umwanya wategekanijwe wari waheze imirwi yose inganya amanota.
Ku ruhande rw’abigeme, umurwi Les Gazelle watsinze vyoroshe cane umurwi Les Aigles Noires, amanota 100 yose ku manota 33.