IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Basket Ball : Umurwi Urunani watahukanye igikombe mu bagabo, Berco Star (...)

Basket Ball : Umurwi Urunani watahukanye igikombe mu bagabo, Berco Star igitahana mu bigeme

dimanche 8 avril 2018

Mu nkino zabaye kur’uno w’Imana igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2018, umurwi Urunani watsinze Kern amanota 54 kuri 44.

Ku ruhande rw’abigeme, umurwi Berco Star watsinze bitagoranye umurwi Les Aigles Noirs, amanota 65 kuri 34.

Mu nkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma, umurwi wa Kern wari watsinze New Star ibitsindo 85 kuri 84, mu gihe mu rundi rukino, umurwi Urunani watsinze Gymykhana amanota 84 kuri 71.

Ihiganwa ry’umupira w’amaboko Basket Ball bitegekanijwe ko rizotangura kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018, umurwi Urunani ukaba uzokina n’umurwi Dynamo kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.