IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Basketball : Urunani rwatsinze New Star mu nkino za kivandimwe

Basketball : Urunani rwatsinze New Star mu nkino za kivandimwe

lundi 5 février 2018

Igihe c’isaha zitatu, habanje kuba urukino rwahuje imirwi ya Dynamo na Muzinga, urukino rutari rworoshe ku mpande zose.Mu ntango z’urukino, habonetse amanota make, imirwi yose ikaba yagiye isa n’iyinganya amanota.

Mu minota ya nyuma, niho umurwi wa Muzinga wivyukiranya, urahindura isura y’urukino, imisore ikiri mito kandi inyaruka cane irahindurira umurwi wa Dynamo.Urukino rwagiye kurangira ku ntsinzi ya Muzinga ku manota 70 kuri 60 ya Dynamo.

Igihe c’isaha zitanu n’igice, niho hatangura urukino rwari rwitezwe n’abakunzi ba Basketball batari bake.Kuva mu myaka yahera, imirwi ya New Star n’Urunani iyo iramutse ihura, abakinyi bose baba bashashaye intsinzi.

Mu gice ca mbere, abakinyi b’Urunani baragerageje gusumvya New Star,na cane cane abakinyi bajejwe gutunganya urukino (meneurs de jeu), nka Ngenzahayo Malich, Bruce, bafadikanije na kizigenza wabo Elvis Gafyisi,gutyo igice ca mbere kirangira Urunani ruri imbere n’amanota 38 kuri 24 ya New Star.

Mu gice ca kabiri, New Star yivyukiranije, abakinyi nka Belo, Mbuyi na bagenzi babo, barerekana ko bashashaye itsinzi,hasigaye iminota 3 gusa ngo urukino rurangire, niho Urunani rw’ivyukiranya maze rurakurayo amanota yose New Star yari yarusumbije batako baratahukana intsinzi ku manota 71 kuri 64.

Aaron KAGABO, umumenyereza mukuru w’Urunani amenyesha ko icatumye batsinda New Star ari imyimenyerezo myinshi bamaze iminsi bakora,akavuga ko yahinduye umukenyuro wo ku menyereza.

Aaron Kagabo arongera akavuga ko inkino za kivandimwe zifasha abakinyi mukuguma bakomeye, bagakosora udukosa two mu myimenyerezo, abakinyi bagasubira ku menyera gukina imbere y’abarorerezi benshi.

Aaron Kagabo akizeza abakunzi ba Basketball ko bagiye gusubira kubona inkino ziryoshe nko mu myaka iheze.

Ihiganwa rya Basketball ry’I Bujumbura rikaba rizotangura mu kwezi kwa gatatu kuza.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.