Basketball : Inès Nezerwe "Giti" yahaye intsinzi umugwi Jacksonville

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 4 Kigarama 2017 saa 09:58
Yasomwe : 6102
0 0

Umukinyi yahoze akinira umugwi wa Berco Stars, ubu akaba akinira umugwi w’ishuri rya Jacksonville Collège mu gisagara ca Dallas muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Inès Nezerwe batazira Giti, yarabiciye biracika kuri uwu wa kane, mu gutsinda amanota 33 hamwe n’ivyo bita "rebonds" 16 mu rukino bakinye n’umugwi wa Paris Junior college. Umurwi w’uwo murundikazi watsinze amanota 61 kuri 46.

Inès Nezerwe asanzwe akinana n’uwundi murundikazi yahoze abica bigacika mu mugwi Berco Stars azwi kwizina rya Kalume Florence batazira Dada. Muri urwo rukino, uwo nawe yatsinze amanota umunani, akaba yaragize uruhara runini ku manota menshi Inès Nizerwe yatsinze mu kumuha imipira myiza cane.

Mu rukino ruzokurikira, umugwi Jacksonville College urimwo abo barundikazi babiri uzohura na Alabama College.

JPEG - 97.3 ko
Umurundikazi Inès Nezerwe batazira Giti

Kumenyekanisha

1
nijipis 4-12-2017 à 10:55

Ndakunze uwo mwana wumurundikazi yahaw iyongabirano nziza nkiyo.aragahezagirwa kandi yamaterimbere nkumuzinga ariko ntiyibagire abarundi benewabo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha