IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Basketball:Umurwi Urunani uramutswa abarongozi bashasha

Basketball:Umurwi Urunani uramutswa abarongozi bashasha

mardi 16 janvier 2018

Abagize umurwi ugiye kurongora Urunani ugizwe n’umurongozi ariwe Nepomscène SINDAYIHEBURA , icegera ciwe akaba ari NZIGAMASABO Jean Claude batazira Dudu, umunyamabanga mukuru akaba uwitwa Magnus, icegera c’umunyamabanga mukuru akaba MAGAYANE, umunyabigega akaba Adolphe NIYONGABO, icegera ciwe akaba Clément.

Umuyobozi w’ubuhinga akaba ari Alexis HAKIZIMANA, umugwi ujejwe abakiri bato ni Hirwa Blaise, Fabrice SINDAYIGAYA, na Alexis HAKIZIMANA na Aaron KAGABO, abajejwe umubano ni Innocent, Lucien hamwe na Fortuna.

Inyuma yo kugenwa mur’ayo mabanga, Nepomscène SINDAYIHEBURA, yamenyesheje ko mu migambi yiwe agiye gukora ukwo ashobora kugira umugwi w’Urunani usubire mu kibanza ca mbere mu Burundi, ndetse no mu karere, nk’uko vyahora mu myaka yahera .

Nepomscène SINDAYIHEBURA yavuze kandi ko, afadikanije n’abagenwe ngo bafashanye ayo mabanga, bagiye kuduza urugero rw’abakiri bato, ari nabo kazoza k’urukino rwa Basketball.

Ikindi bagiye gushimikirako n’indero y’abakinyi, hamwe no guhimiriza abakinyi gukunda ishuri.

Nepomscène SINDAYIHEBURA abaye umuyobozi w’Urunani mu gihe yigeze gutwara ishirahamwe rya Basketball mu Burundi mu kiringo c’imyaka 4.Asubiriye Pierre Claver BAREGERANYE yahora arongoye Urunani mu kiringo c’imyaka 10.

Inama ya bose ikaba yaheruka kuba mu mwaka wa 2000.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.