Ihiganwa ry’umukuru w’igihugu, kimwe mu biriko biragarukana akanovera ka Basketball

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 10 janvier 2018 saa 04:18
Yasomwe :
0 0

Ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu mu rukino rwa Basket riheruka kurangira kur’uyu wa gatandantu itariki 6 Nzero 2018, aho umugwi wa Ghymkana watahukanye igikombe ku ruhande rw’abagabo, Berco Stars ku ruhande rw’abigeme.Ghyslain MUNEZERO, kizigenza w’umugwi wa Ghymkana, akaba ari nawe yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa ryose ku ruhande rw’abagabo, yabwiye ikinymakuru IGIHE ko igikombe c’umukuru w’igihugu catumwe urwaruka rukina Basketball rugira ishaka n’inguvu bisumba ivyo rwahorana.

Ghyslain MUNEZERO arashimishwa n’ingene abarorerezi basubiriye kwiyongera ku bibuga, n’abakinyi bagasubira kugira imyimenyerezo myinshi n’inkino zikaba ziriko ziragwira.

Arongera akamenyesha ko kubona umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yemeye gufata mu mugongo imigwi yabaye iya mbere mu gikombe c’umukuru w’igihugu,mu kubafasha kuja guhiganwa hanze y’igihugu mw’ihiganwa ry’akarere ka 5 bizohora bifasha abakinyi mu kuduza urugero rwabo mu gihe bazoba bariko bahiganwa n’abanyamahanga.

Naho bir’ukwo, kizigenza wa Gymkhana aranegura ingene amashirahamwe adafasha imigwi kugirango urukino rwa Basketball ruje ku rwego rwo hejuru.

« Uburundi burafise urwaruka rukina Basketball neza, n’ikimenyamenya, iyo rusohotse rukaja gukina n’imirwi yo mu bihugu bibanyi, ruravyifatamwo neza mbere no gusumba abo bahasanze.Harakenewe amashirahamwe n’amahinguriro afata mu mugongo abakinyi. »

Igikombe c’Umukuru w’igihugu kikaba ari ubwa mbere gitunganijwe,ariko kikaba kigiye kuza kiratunganywa ku mwaka ku mwaka .


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha