Basketball : Imirwi izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma igikombe c’umukuru w’igihugu yamenyekanye

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 27 Munyonyo 2017 saa 09:48
Yasomwe : 2763
0 0

Inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu, igice ca kane gishira ica nyuma zarakinywe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Munyonyo, mu ntara zitatu arizo Ngozi, Bururi, na Mairie ya Bujumbura. Imirwi ine izohurira mu gice ca kabiri ni Gymkhana, Young Eagles w’i Gitega, umurwi userukira intara ya Bururi, hamwe n’umurwi Target Intamenwa w’i Ngozi.

Umugwi wa Bururi waronse amahirwe y’ukuzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma kuko ariwo watsinzwe amanota make.

Imigwi ikomoka mu ntara za Ngozi na Gitega yaragaragaje ko iriko irakomera mu rukino rwa Basketball.

Imigwi ikaba yatsindanye uku gukurikira :

Target Intamenwa (Ngozi) 64 - 55 Cankuzo
Young Eagles (Gitega) 84 - 82 Bururi
Gymkhana 52 - 40 Kern

Inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu zatangujwe n’ishirahamwe "The raising Generation" rifadikanije n’ishirarahamwe ry’umupira w’ababoko mu Burundi FEBABU (Féderation de Basketball du Burundi), hamwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha