Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ababa muri komine Mukaza basabwa kwitegurira ikena ry’amazi kuwa 7 na 8 (...)
Ababa muri komine Mukaza basabwa kwitegurira ikena ry’amazi kuwa 7 na 8 Ndamukiza
jeudi 5 avril 2018
Mw’itangazo ryashizweko umukono n’umuyobozi w’ishirahamwe REGIDESO, amenyesha ko iryo bura ry’amazi mu bice vya komine Mukaza, rizova ku bikorwa vyo gukora ahibonekeje ko umuringoti utwara amazi wamenetse, kw’ihuriro riri hagati mu gisagara.
Ubuyobozi bwa REGIDESO busaba abanyagihugu bo muri ivyo bice vya komine Mukaza gufata ingingo zose zishoboka, muri ico gihe amazi azoba ataboneka nkuko vyahora.
Ishirahamwe REGIDESO rikizeza ko, ibishoboka vyose vyakozwe kugira ico kibazo kizomare umwanya muto.
MUGISHA Van Naris