Accueil > Amakuru > u Burundi > Abacamanza 5 bemejwe n’inama nkenguzamateka
Abacamanza 5 bemejwe n’inama nkenguzamateka
jeudi 28 Kigarama 2017, par
Umushikiranganji w’Ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yamenyesheje abakenguzamateka ko abo bacamanza bagiye kuja murivyo bisata kuko hari abacamanza bamwe bamwe bagiye batakiri ku mirimo.

Bamwe murabo bacamanza batowe hariho Uwimana Josiane umuhutukazi ava mu ntara ya Muyinga akaba agiye kuba icariho c’umushikirizamanza mukuru akukira sentare ntahinyuzwa ,naho Laurent HAVYARIMANA umuhutu ava mu ntara ya Bururi na we nyene yatowe kuba icariho c’umushikirizamanza mukuru akukira sentare ntahinyuzwa.
Aristide NSENGIYUMVA ,umututsi ava mu ntara ya Bururi yatowe kuba umushikirizamanza mukuru akukira sentare isubiramwo imanza y’i Bujumbura.
Deo NIRAGIRA ,unututsi ava mu ntara ya Muramvya yatowe kuba umuhanuzi muri sentare ntahinyuzwa naho Eliezer NIRAGIRA ,w’umuhutu ava mu ntara ya Rumonge yatowe kuba umukuru wa sentare nkuru ya Rumonge.
Laurent HAVYARIMANA hamwe na Aristide NSENGIYUMVA batowe ku majwi 37 kuri 38 naho abasigaye uko ari batatu batorwa ijana kw’ijana ku majwi 38 kuri 38 y’abakenguzamateka.

IGIHE