Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Abo mw’idini rya Islam bo mu Burundi basabwa gusengera igihugu
Abo mw’idini rya Islam bo mu Burundi basabwa gusengera igihugu
samedi 27 Rusama 2017
Umuvugizi w’ishirahamwe ry’aba Islam mu Burundi Kassim Jaffar amenyesha ko ukwezi kwa Ramadhan gushitse mu gihe igihugu kiri mu bukene,ari naco gituma aba Islam bose bosabikanya ivyo bafise uko bingana kwose.
Kassim Jaffar avugira umuryango w’aba Islam mu Burundi asaba ko muri iki kiringo c’ukwezi kweranda bogirira imbabazi ababagiriye nabi, kugira babane mu rukundo no mu mahoro.
Umuvugizi w’umuryango w’aba Islam mu Burundi ahamagarira abo muri iryo dini kwitaho ibikorwa bishobora gufasha guteza imbere igihugu c’Uburundi hamwe n’imiryango yabo.
MUGISHA Van Naris