IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abakinyi ba Chapecoense bahawe igikombe ca Copa Sudamericana

Abakinyi ba Chapecoense bahawe igikombe ca Copa Sudamericana

mardi 6 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugwi wa Chapecoense wo mu gihugu ca Brezil uheruka kubura abakinyi 19 hamwe n’abandi bakozi mu mpanuka y’indege bagiye gukina urukino rwa nyuma rwa rw’igikombe ca Copa Sudamericana,wagitsindiye.

Iyo ngingo yafashwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Amerika y’apfo, Conmebol bisabwe n’umugwi bari guhura.

Abantu 71 harimwo abakinyi 19 n’abandi bakozi b’uwo mugwi bapfuye ku musi wa mberebariko bagana Colombia mu rukino rwa mbere mu gice ca nyuma ca Copa Sudamericana.

Umugwi bari gukina wo muri Atletico Nacional, wasavye ko Chapecoense bohabwa ico gikombe, bahawe agashimwe ko gukina mu muco kugira berekane "Umutima w’abo w’amahoro, gutegera no gukina mu mategeko".

Chapecoense kandi bazotahukana amadolali imiliyoni 2 ahabwa abatahukanye intsinzi, nk’uko tubikesha BBC.

Atletico Nacional bazoronka umuliyoni umwe w’amadolali.

Icegera c’uwurongoye umugwi wa Chapecoense yashimagije iyo ngingo avuga ko ari iyo "ukuri", ariko aravugana n’abamenyeshamakuru ku musi wa mbere.

"Turizera ko ’chape’ yari gutsinda. Ni icubahiro gikomeye."

Abakinyi batatu ba Chapecoense bari muri batandatu barusimvye.

Amatohoza mu catumye haba iyo mpanuka arabandanya ariko ijwi ryumvikanye ryafashwe n’ivyuma vy’iyo ndege ryatumye hibazwa ko yabuze igitoro imbere y’uko igwa haguf y’igisagara ca Medellin.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.