Home > Amakuru > Mu makungu > Indoneziya: Abantu 832 bahitanywe n’ikinyamugigima
Indoneziya: Abantu 832 bahitanywe n’ikinyamugigima
Monday 1 October 2018, by
Amakuru dukesha BBC amenyeshako abakora mu gisata co gutabara ibiza bavuga ko ico kinyamugigima catumye haba umuyaga Tsunami kugeza aho amazi yateye gushika ku metero zitandatu z’uburebure.
Icegera c’umukuru w’igihugu wa Indoneziya Jusuf Kalla yamenyesheje konigitigiri c’abantu bapfuye gishobora kwiyongera umwanya n’umwanya kuko nubu bakibandanya kurondera aboba baguye mu nzu zabomotse.
Umukuru w’igihugu wa Indoneziya Joko Widodo yishikiye murako gace kugarukira ku banyagihugu bahuye n’ivyo vyago vy’inkinyamugigima aho yagendeye cane akaba ari mu bice bikunda kugenderwa n’ingenzi.
Mu Ntango z’uyu mwaka wa 2018 niho haheruka guca ikinyamugigima gikomeye muri Indoneziya kikaba cahitanye ubuzima bw’abantu 550 bo mu bice vya Lombok hamwe na Sumbawa.
Ikinyamugigima kimaze gihitana abantu benshi murico gihugu nico mu mwaka wa 2004 aho cahitanye abantu bangana ibihumbi 220.
![](local/cache-vignettes/L624xH351/indo-2-69b81.jpg?1538391240)
![](local/cache-vignettes/L624xH351/indo1-0e99d.jpg?1538391240)
![](local/cache-vignettes/L624xH351/indo2-9e76e.jpg?1538391240)
Vianney BIKORIAMANA
Forum posts
7 October 2018, 22:08, by Manweri Nyabenda
Andika hano Ndahojeje Imiryango Yabuze Nigihugu Ca Endoneziya Mwihangane Mwizere Imana Yo Muhoza.